bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 28
Genesis 28
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 27
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 29 →
1
Nuko Isaka ahamagara Yakobo, aramuhezagira, aramwihanikiriza, ati Ntuz’ usabe Umunyakananikazi.
2
Va hasi, uje i Padan‐aramu kwa Betuweli sogokuru; uz’ usabey’ umugeni mu bakobga ba Labani nyokorome.
3
Kand’ Imana Ishobora vyose iguhe umugisha, iguhe kurondoka, ikugwize, kugira ng’uhindukemw’ isinzi ry’amahanga.
4
Kand’ iguhe umugisha yahaye Aburahamu, wewe n’uruvyaro rwawe na rwo, kugira ngo wegukire iki gihugu wabayemwo kitār’ icanyu, ico Imana yemereye guha Aburahamu.
5
Nuko Isaka arungika Yakobo: aragenda, aja i Padan‐aramu kwa Labani mwene Betuweli Umwaramu, musaza wa Rebeka, nyina wa Yakobo na Esau.
6
Maze Esau abona yuko Isaka ahezagiye Yakobo, akamurungika i Padan‐aramu gusabay’ umugeni; kandi ko yamwihanikirije akimuhezagira, ati Ntuz’ usabe Umunyakananikazi;
7
kandi ko Yakobo yumviye se na nyina, akaja i Padan‐aramu.
8
Nuko Esau abonye yukw Abanyakananikazi batanezereye se wiwe Isaka,
9
aca aja kwa Ishimayeli, asabayo Mahalati mushiki wa Nebayoti, umukobga wa Ishimayeli, Ishimayeli mwene Aburahamu, amuharika ba bagore yar’asanganywe.
10
Yakobo ava i Beri‐sheba, agenda atumbereye i Harani.
11
Ashika ahantu araharāra, kukw izuba ryari ricokeye: yābīra ibuye mu mabuye yaho, araryisegura, aryama aho hantu arasinzira.
12
Ararota, abona icuririzo gishinzwe hasi, umutwe waco ugashika mw ijuru: abona abamarayika b’ Imana bakidūgako, bakimanukako.
13
Kand’ Uhoraho yar’ ahagaze hejuru yaco, aramubarira, ati Nd’ Uhoraho, Imana ya Aburahamu sogokuru, Imana ya Isaka: iki gihugu uryamyemwo, nzokiguha, mwe n’uruvyaro rwawe;
14
kand’ uruvyaro rwawe ruzongana n’umukungugu wo hasi, ruzogasāra i burengerazuba n’i burasirazuba n’i burārūko n’i bumanuko: kandi muri wewe no mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha.
15
Kand’ ehe rāba ndi kumwe nawe, nzokuzigamira ah’uzoja hose, kandi nzokugarukana mur’ iki gihugu; kuko ntazokureka ntarakora ivyo nkubariye.
16
Yakobo arikangura, aravuga, ati N’ukuri Uhoraho ar’ aha hantu; nanje sinari ndabizi.
17
Aratinya, aravuga, at’ Ereg’ aha hantu hateye ubgoba! At’ Aha n’inzu y’Imana s’ikindi, aha ni ho rembo ry’ijuru.
18
Yakobo azinduka kare mu gatondo, yābīra rya buye yiseguye, ararishinga ngo ribe inkingi, arisukakw amavuta ya elayo.
19
Aho hantu aca ahita Beteli, arik’ ubga mbere ico gisagara citwa Luzi.
20
Yakobo asezerana isezerano, at’ Imana ni yabana nanje, ikanzigamira mur’ uru rugendo ndimwo, ikampa ivyo kurya n’ivyo kwambara,
21
nkazogaruka kwa data nkir’ amahoro, Uhoraho azoba Imana yanje,
22
n’iri buye nshinze kw inkingi rizoba inzu y’ Imana: ati Kandi ku vy’uzohora umpa vyose, sinzobura kuguhamw’ ikigiracumi.
← Chapter 27
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 29 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50