bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 1
2 Chronicles 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 2 →
1
Nuko Salomo mwene Dawidi ashikama ku ngoma yiwe, kand’ Uhoraho Imana yiwe abana na we, amushira hejuru cane.
2
Salomo acūrira amajambo Abisirayeli bose, abagabisha bagaba ibihumbi n’abagaba amajana, n’ abacamanza, n’abaganwa bose b’ Abisirayeli, n’abakuru b’amazu ya ba sekuruza.
3
Nuko Salomo ajana n’ikoraniro ryose, baja mu gitabo co ku mpinga y’umusozi i Gibeyoni, kukw aho ari ho ihema ry’ibonaniro ry’Imana ryari riri, iryo Mose umusavyi w’Uhoraho yakoreye mu bugaragwa.
4
Arikw isandugu y’Imana Dawidi yari yarayidūganye, ayikūra i Kiriyati‐yeyarimu ayijana aho yayitunganirije; kuko yari yayishingiye ihema i Yerusalemu.
5
Arikw igicaniro c’umuringa, cākozwe na Besaleli mwene Uri umwuzukuru wa Huri, cari kikiri ngaho imbere y’ihema ry’Uhoraho; aho ni ho Salomo n’ikoraniro bākunda kuja gusiguriza Uhoraho.
6
Nuko Salomo aradūga aja kur’ ico gicaniro c’umuringa imbere y’Uhoraho, kiri kur’ iryo hema ry’ibonaniro, acoserezakw ibimazi igihumbi.
7
Mur’ iryo joro Imana yiyereka Salomo, iramubarira, iti Nsaba ico ugomba, ndakiguhe.
8
Salomo arayishura, ati Wagiriye neza cane data Dawidi, unsubiza ku ngoma yiwe.
9
None rero, Uhoraho Mana, isezerano wasezeraniye data Dawidi ni rishike, kuko wangize umwami w’abantu b’isinzi, bangana n’umukungugu wo kw isi.
10
None rero ndagusavye umpe ubgenge no gutahura, kugira ngo mmenye iyo bija n’iyo biva mur’ aba bantu. None ni nde yoshobora gucira imanza iri hanga ryawe, n’ukuntu ar’ irihambaye?
11
Imana yishura Salomo, it’ Ivyo kw ari vyo biri mu mutima wawe, ukaba udasavye ubutunzi cank’ ibintu, cank’ icubahiro, canke ng’ usabe kw abakwanka bapfa, canke ng’ usabe kuramba; arik’ ukaba wisabiye ubgenge no gutahura, kugira ng’ umenye gucira abantu imanza, abo nakwimitsemwo ng’ubaganze;
12
nuk’ ubgenge n’ugutahura urabihawe, kandi nzoguha n’ubutunzi n’ibintu n’icubahiro bitīgeze kugirwa n’umwami n’umwe mu bākwitangiye imbere, kandi no mu bazoguherukira nta wuzogira ibihwanye n’ivyawe.
13
Nuko Salomo ava imbere y’ ihema ry’ibonaniro, ku mpinga y’umusozi Gibeyoni, asubira i Yerusalemu; akomeza kuganza Abisirayeli.
14
Kandi yironderera imikogote y’intambara n’abo kugendera ku mafarasi; yar’ afise imikogote igihumbi n’amajana ane, n’abagendera ku mafarasi ibihumbi cumi na bibiri, bamwe abashira mu bisagara bibīkwamw’ imikogote, abandi i we i Yerusalemu.
15
Umwami, amafeza n’ amazahabu yararushe abihindura nk’amabuye i Yerusalemu, n’ibiti vy’amasederi bihinduka nk’ivy’ imisukomora vyo mu biyaya mu kuba vyinshi.
16
Kand’ amafarasi Salomo yar’ atunze bāyakūra muri Egiputa; abadandaza b’umwami bayagura ar’ amasho: ubusho bgose igiciro cabgo.
17
Umukogote umwe‐umwe bāwuzana bawukūye muri Egiputa kuri shekeli z’ifeza amajana atandatu, ifarasi kw ijana na mirongwitanu. Kand’ abo bādandariza umwami bāshōrera n’abami bose bo mu Baheti n’abo mu Basiriya.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36