bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 32
2 Chronicles 32
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 31
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 33 →
1
Hanyuma y’ivyo vyose, no hanyuma y’ukwo kuyoboka kwa Hezekiya, Senakeribu umwami w’i Ashuri araza, atera i Buyuda, asagaza inyuma y’ibisagara vyubakiwe inzitiro z’amabuye, agira ngw azovyihesha umuheto.
2
Maze Hezekiya abonye ko Senakeribu aje agabiye gutera i Yerusalemu,
3
aja inama n’abaganwa biwe n’abashingantahe biwe, kugira ngo bazibire amariba ar’ inyuma y’igisagara; bemera gufatanya na we.
4
Nuko hakorana abantu benshi, bazibira amariba yose, n’ umugezi waca mur’ iyo ntāra; kuko bāvuga, bati Mbeg’ abami b’i Ashuri bokwama baza basanga amazi ari menshi?
5
Nuko Hezekiya agumya umutima, asanura uruzitiro aho rwari rwarasenyutse hose, arwubakakw iminara, yubaka n’urundi ruzitiro inyuma yarwo, akomeza n’i Milo mu gisagara ca Dawidi; arondeza ibirwanishwa n’inkinzo vyinshi cane.
6
Ashirah’ abagabisha b’ingabo bamenyereye ivy’ intambara kuganza abantu, abakoraniriza hamwe ku nama kw irembo ry’ igisagara, ababarira amajambo yo kubaremēsha,
7
ati Ni mushikame, mushire amanga, ntimutinye, ntimurandurwe imitima n’umwami w’i Ashuri bo na rirya sinzi ry’ ingabo riri kumwe na we; kuk’ Uwo turi kumwe ahambaye kuruta abari kumwe na we.
8
Mu ruhande rwiwe haherereye inkomezi z’ab’ umubiri, ariko mu ruhande rwacu haherereye Uhoraho Imana yacu, ngw adutabare, aturwanire mu ntambara zacu. Maz’ abantu baremēshwa n’ayo majambo ya Hezekiya umwami w’i Buyuda.
9
Hanyuma y’ivyo Senakeribu umwami w’i Ashuri, akir’ inyuma y’i Lakishi, bo n’ingabo ziwe zose, atuma intumwa i Yerusalemu kuri Hezekiya umwami w’i Buyuda, no ku Bayuda bose bar’ i Yerusalemu;
10
ziravuga, zit’ Uku ni ko Senakeribu umwami w’i Ashuri agize, ngo Mbega mwizigiye iki, gituma murorēra kw’i Yerusalemu harinda kwugarizwa?
11
Ngw Aho Hezekiya s’ukubahenda, kugira ngw abicishe inzara n’inyota? Kw ababarira ng’ Uhoraho Imana yacu izodukiza, ngo ntidukorokere mu maboko y’umwami w’i Ashuri!
12
Ngo None Hezekiya uwo si we yakūyeh’ ibitabo vyayo n’ ibicaniro vyayo, akabarira Abayuda n’ab’i Yerusalemu, ati Muze musengere imbere y’iki gicaniro conyene, abe ari ho mwosereza imibavu?
13
Ngo Mbega ntimuzi bo na ba sekuru uko bāgiriye amahanga yose yo mw isi? Ngo Non’ imana z’ayo mahanga yo mur’ ivyo bihugu zarashoboye na gatoya gukiza igihugu cazo ngo ntigikorokere mu maboko yiwe?
14
Ngo None mu mana zose z’ amahanga ba sekuru baranduye rwose, n’iyihe yashoboye gukiza abantu bayo ngo ntibakorokere mu maboko yiwe, bitume n’ iyanyu na yo yoshobora kubamukiza?
15
Ngo None Hezekiya ntabahende, canke ngw abasuke mu buryo ben’ ubgo; ngo Ntimumwemerere; ngo Kukw ata mana n’imwe y’ihanga na rimwe canke y’igihugu ic’ ari co cose yashoboye gukiza abantu bayo ngo ntibakorokere mu maboko yiwe canke mu maboko ya ba sekuru; ngo Kugira ngw iyanyu na yo ishobore kubamukiza.
16
Maz’ izo ntumwa ziwe ziyongeranya gutuka Uhoraho Imana, na Hezekiya umusavyi wayo.
17
Kandi Senakeribu yandika icete co kurogota k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli no kumuvuga nabi, ngo Nk’ukw imana z’amahanga yo mu bihugu zitākijije abantu bazo, ngo ntibakorokere mu maboko yiwe, ngo Ni ko n’Imana ya Hezekiya itazokiza abantu bayo ngo ntibamukorokere mu maboko.
18
Mber’ izo ntumwa zivuga n’ ijwi rirenga mu rurimi rw’Ikiyuda, babibarira abantu b’i Yerusalemu bāri hejuru ku ruzitiro rw’amabuye, ngo babatere ubgoba, babarandure imitima, kugira ngo babone kunesha ico gisagara.
19
Bavuga Imana y’i Yerusalemu nk’ah’ ari co kimwe n’imana z’ amahanga y’isi zakozwe n’intoke z’abantu.
20
Ivyo bituma umwami Hezekiya, n’uwavugishwa n’Imana Yesaya mwene Amosi, basenga, batakambira Iyo mw ijuru.
21
Nuk’ Uhoraho arungika umumarayika, atikiza abahizi bose n’abakuru n’ abagabisha b’ingabo z’umwami w’i Ashuri, aho bari bashagaje. Nuk’ uwo mwami asubira mu gihugu ciwe amāramāye. Maz’ ashitse mu ngoro y’ikigirwamana ciwe, abo yivyariye bahamwicishiriza inkota.
22
Uko ni k’Uhoraho yakijije Hezekiya n’ababa i Yerusalemu, abakūye mu maboko ya Senakeribu umwami w’i Ashuri, no mu maboko y’abandi bansi bose; nukw abaha impore impande zose.
23
Maze benshi bashikanira Uhoraho amashikanwa i Yerusalemu, kandi na Hezekiya umwami w’i Buyuda bamuzanira ibintu vy’igiciro kinini, bituma ashirwa hejuru imbere y’amahanga yose, uhereye ico gihe.
24
Mur’ iyo misi Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa. Asenga Uhoraho, na we aramwishura, amuha n’ikimenyamenya.
25
Ariko Hezekiya, ubuntu yagiriwe ntiyabumwishura, kuko yaciye yishira hejuru mu mutima; kubg’ ivyo uburake bg’Uhoraho buza kuri we no ku Bayuda no kuri Yerusalemu.
26
Ariko Hezekiya yicisha bugufi, yihana ubgo bgibone bgo mu mutima wiwe, ubgiwe n’ababa i Yerusalemu, bituma uburake bg’Uhoraho butabashikīra ku ngoma ya Hezekiya.
27
Kandi Hezekiya yari n’itunga ryinshi n’icubahiro cinshi; yironderera ububīko bg’amafeza n’ ubg’ amazahabu n’ubg’ utubuyenge tw’igiciro kinini n’ubg’ imibavu n’ubg’ inkinzo n’ubg’ ibintu vyiza‐vyiza vy’uburyo bgose.
28
Kandi yubaka n’amazu y’ibigega y’aho kwimburira ingano na vino n’amavuta ya elayo; n’ impongore z’ibitayega vyiwe vy’ uburyo bgose, n’impongore z’ imikuku.
29
Kandi yironkera n’ ibisagara, n’amasinzi y’imikuku n’amasho, kukw Imana yamuhaye ibintu vy’isinzi.
30
Kandi Hezekiya uwo agomera isōko yo haruguru y’amazi y’i Gihoni, akwega umūzi wayo, ayamanukana ku ruhande rw’igisagara ca Dawidi ruhera i burengerazuba. Nuko Hezekiya ivyo yakora vyose bimubera ko.
31
Ariko ku vy’intumwa abaganwa b’i Babuloni bamutumyeko, ngo bamubaze igitangaza cabayeho mu gihugu ciwe, Imana iramureka ngw imugerageze, kugira ngw imenye ivyari mu mutima wiwe vyose.
32
Nukw ibindi vyose vyadonzwe kuri Hezekiya, n’ivyiza yakoze, vyanditswe mu vyo uwavugishwa n’Imana Yesaya mwene Amosi yeretswe, no mu gitabo c’abami b’Abayuda n’ab’ Abisirayeli.
33
Maze Hezekiya ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ahadūga haja mu mva z’abuzukuruza ba Dawidi; aho yatanga, Abayuda bose n’ab’i Yerusalemu baza kumuha icubahiro. Maz’ umuhungu wiwe Manase asubira ku ngoma yiwe.
← Chapter 31
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 33 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36