bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 6
2 Chronicles 6
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 7 →
1
Salomo araheza aravuga, at’ Uhoraho yavuze kw azokwibera mu mwiza w’umuzitanya!
2
Ariko none ndakwubakiye ingoro yo kubamwo, ahantu uzokwibera ibihe vyose.
3
Maz’ umwami arahindukira, ahezagira ikoraniro ryose ry’Abisirayeli; kand’ iryo koraniro ryose ryari rihagaze.
4
Maz’ aravuga, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, yashikije n’ukuboko kwiwe ivyo yavuze n’akanwa kiwe, abarira data Dawidi,
5
yuk’ uhereye igihe yakūriye abantu biwe mu gihugu ca Egiputa, ata gisagara co mu miryango yose y’Abisirayeli yigeze gutoranya co kwubakamw’ ingoro ngw izina ryiwe rihabe; canke ngw atoranye umuntu n’umwe ngw abe segaba w’ abantu biwe b’Abisirayeli;
6
ariko yatoranije Yerusalemu ngw izina ryiwe rihabe, atoranya na Dawidi kugira ngw aganze abantu biwe b’Abisirayeli.
7
Kandi data Dawidi yari yaragabiye mu mutima wiwe kuzokwubakira ingoro izina ry’Uhoraho Imana y’Abisirayeli.
8
Arik’ Uhoraho abarira data Dawidi, ati Ko war’ ufise imigabo mu mutima wawe yo kwubakira izina ryanje ingoro, wagize neza kuvyiyumvira;
9
at’ Ariko wewe ntuzokwubaka iyo ngoro, izokwubaka umwana wawe uzokwikūrira mu nda; at’ Uwo ni we azokwubakira izina ryanje ingoro.
10
Non’ Uhoraho ashikije iryo jambo ryiwe yavuze, kuko nsubiye mu gishingo ca data Dawidi, kandi nkaba ndi ku ngoma y’i Bgisirayeli nk’uko yasezeranye, kandi nkaba nujuje iyi ngoro nubakiye izina ry’Uhoraho Imana y’Abisirayeli.
11
Ni ho nateretse isandugu irimw’ isezerano ry’Uhoraho yasezeranye n’Abisirayeli.
12
Salomo araheza ahagarara imbere y’igicaniro c’Uhoraho, ishengero ryose ry’Abisirayeli rirorēra, agaranzura amaboko;
13
kandi Salomo yari yashinze ikintu kirekire c’imiringa co guhagararako; uburebure bgaco bg’ umurambararo bgar’ amatambge atanu y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgaco bgar’ amatambge atanu nyene, uburebure bg’igihagararo bgar’ amatambge atatu; yari yagishinze mu rugo rw’intangāro hagati; ni ho yar’ ahagaze; nukw araheza apfukama imbere y’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, agaranzura amaboko ayatumbereje mw ijuru,
14
aravuga, at’ Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, nta mana ihwanye nawe mw ijuru canke mw isi; ni wewe wama ushitsa amasezerano, ukagirira imbabazi abasavyi bawe bagendera imbere yawe bitonze n’imitima yabo yose;
15
kandi washikije ivyo wasezeraniye data umusavyi wawe Dawidi; mber’ ivyo wavugishije akanwa kawe ubishikishije ukuboko kwawe, nk’uko bir’ uyu musi.
16
None rero, Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, komeza ivyo wasezeraniye data umusavyi wawe Dawidi, nk’uko wamubariye kw atazobura uwo guhora ku ngoma y’i Bgisirayeli imbere yawe, abana biwe ni bagenda bitonda mu ngeso zabo, bakagendera mu vyagezwe vyawe nk’uko na we yagendera imbere yawe.
17
None rero, Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, ijambo ryawe wabariye umusavyi wawe Dawidi urishitse.
18
Ariko se, n’ivy’ ukuri Imana yoza kubana n’abantu mur’ iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!
19
Arik’ Uhoraho Mana yanje, shira umutima ku gusenga kw’umusavyi wawe no ku kwinginga kwanje, zirikana ugutakamba kwanje n’ugusenga jewe umusavyi wawe nsengeye imbere yawe,
20
kugira ng’ uhoze inyonga zawe kur’ iyi ngoro ku murango no mw ijoro, ni ho wavuze k’uzoshira izina ryawe, kugira ng’ uze wame wumva amasengesho yanje, jewe umusavyi wawe nzogusenga ntumbereye aha hantu.
21
Kand’ uze wame wumva ukwinginga kwanje, jewe umusavyi wawe, n’ukw abantu bawe b’Abisirayeli, nko tuzosenga dutumbereye aha hantu; ego me koko, uze wame uvyumva ur’ ah’ uba mw ijuru, kand’ uk’ uzovyumva, uze wame uharira.
22
Umuntu ni yagirira nabi mugenzi we, bakamwaka indahiro, akaza akarahirira imbere y’igicaniro cawe mur’ iyi ngoro,
23
nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru, ugire ico ukora, ucire abantu bawe imanza, utsindishe uwakoze nabi, bimusubire ku mutwe, ucire umugororotsi urubanza, atsinde nk’uk’ ukuri kwiwe kumeze.
24
Kand’ abantu bawe b’Abisirayeli ni baneshwa n’abansi, bazize ko bagucumuyeko, hanyuma bagahindukira bakātura izina ryawe, bagasenga bakwingingira mur’ iyi ngoro,
25
nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru, uharire icaha c’ abantu bawe b’Abisirayeli, ubagarukane mu gihugu wabahānye na ba sekuruza.
26
Kand’ ijuru ni ryakingwa, imvura ntikoroke, kuko bāgucumuyeko; ni bāsenga batumbereye aha hantu, bakātura izina ryawe, bagahindukira bakareka icaha cabo, kuko wabahannye,
27
nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru, uharire abasavyi bawe icaha cabo, ari bo bantu bawe b’Abisirayeli, ubarangire inzira nziza bakwiye kujana, urekurire imvura mu gihugu cawe, ico wahaye abantu bawe kw ishamvu.
28
Inzara ni yatera mu gihugu, cank’ ikīza, canke kurumbisha, cank’ ururyi rw’agahezambuto, cank’ inzige, cank’ inzīkira, cank’ abansi babo ni babatera bakabaziguza mu gisagara cabo ic’ ari co cose; ni haramuka hateye icago ic’ ari co cose, cank’ indwara,
29
hakagira ūsenga akinginga, naho yoba umuntu umwe cank’ abantu bawe bose b’Abisirayeli, umuntu wese ukw azoba yimenyekw indwara yiwe n’umubabaro wiwe, akagaranzura amaboko ayatumbereje iyi ngoro,
30
nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru ah’ uba, uharire, ugenze umuntu wese nk’ukw ameze, wewe uzi umutima wiwe, kukw ari wewe wenyene uzi imitima y’abantu;
31
kugira ngo baze bahore bagutinya, bagendere mu nzira zawe imisi yose bazomara bakiriho, mu gihugu wahaye ba sogokuruza bacu.
32
Kandi n’umunyamahanga, atar’ uwo mu bantu bawe b’Abisirayeli, ni yaza avuye mu gihugu ca kure azanywe n’izina ryawe rihambaye, n’ububasha bgawe bukomeye n’ubushobozi bgawe; nuko ni yaza agasenga atumbereye iyi ngoro,
33
uz’ uvyumve uri mw ijuru ah’ uba, uwo munyamahanga umumarire ivyo azoba agutakambiye vyose, bitume amahanga yose yo mw isi amenya izina ryawe, bakwubahe, nk’ukw abantu bawe b’Abisirayeli bakwubaha, kandi bamenye n’iyi ngoro nubatse ko yitwa iy’ izina ryawe.
34
Kand’ abantu bawe ni baramuka bagiye gutera abansi babo ah’ uzoba ubagomoye hose, bakagusenga batumbereye uyu murwa watoranije n’iyi ngoro nubakiye izina ryawe,
35
nuk’ uze wumve ugusenga kwabo n’ugutakamba kwabo uri mw ijuru, ubaroranirize ivyabo.
36
Kandi ni baramuka bagucumuyeko, kukw ata muntu adacumura, ukabarakira, ukabagabura mu maboko y’abansi babo, bakabafata bakabajana mu kindi gihugu, naho hoba hafi canke kure;
37
maze bakīsubiramwo bari mu gihugu bajanywemw’ ar’ inyagano, bagahindukira, bakagutakambira bari mu gihugu banyagiwemwo, bati Twaracumuye, twaragabitanije, twakoze nabi;
38
bakakugarukako n’imitima yabo yose n’ ivyiyumviro vyabo vyose, bari mu gihugu banyagiwemwo, aho bābajanye ar’ inyagano, bakagusenga batumbereye igihugu cabo, ico wahaye ba sekuruza, n’uyu murwa watoranije, n’iyi ngoro nubakiye izina ryawe,
39
nuk’ uze wumve ugusenga kwabo n’ ugutakamba kwabo uri mw ijuru ah’ uba, ubaroranirize ivyabo, uharire abantu bawe bagucumuyeko.
40
Nuko Mana yanje, ndakwinginze, tereza inyonga zawe urābe, tega amatwi wumve amasengesho asengerwa aha hantu.
41
None rero, Uhoraho Mana, n’uhaguruke, winjire mu buruhukiro bgawe, wewe ubgawe n’isandugu y’ inkomezi zawe. Abaherezi bawe, Uhoraho Mana, bambare agakiza, n’abakunzi bawe banezererwe ivyiza vyawe.
42
Ewe Uhoraho Mana, ntukimiranye uwo warobanuje amavuta; uze wame wibuka imbabazi wagiriye umusavyi wawe Dawidi.
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 7 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36