bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 25
2 Chronicles 25
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 24
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 26 →
1
Amaziya yar’ amaze imyaka mirongwibiri n’itanu igihe yaja ku ngoma, amara imyaka mirongwibiri n’icenda i Yerusalemu ari ku ngoma; nyina yitwa Yehoyadina w’i Yerusalemu nyene.
2
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, ariko ntiyabigirana umutima utunganye rwose.
3
Amaze kubona kw ahangamye ku ngoma, yica ba banyarugo bāri barishe umwami se wiwe.
4
Arikw abana babo ntiyabica, abigenza nk’uko vyanditswe mu gitabo c’ivyagezwe vya Mose, ivyashinzwe n’Uhoraho ngw Abavyeyi ntibaze bicwe bazize abana babo, kand’ abana ntibaze bicwe bazize abavyeyi: ngw Arik’ umuntu wese az’ azire iciwe caha.
5
Maze Amaziya akoranya Abayuda, abakurikiranya ukw amazu ya ba sekuruza ari, ngo bagabge n’abagaba ibihumbi n’abagaba amajana; abakoranya ar’ Abayuda bose n’Ababenyamini; arabaharūra uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, asanga ar’ ingabo ibihumbi amajana atatu, abantu b’intōre bashobora gutabara mu ntambara, bazi uburyo bgo gutwara amacumu n’ inkinzo.
6
Arārika n’ingabo ibihumbi ijana mu Bisirayeli, abantu b’abahizi, abagerera italanto z’ ifeza ijana.
7
Hanyuma haza umuntu w’Imana kuri we, aramubarira, ati Mwami, izo ngabo z’Abisirayeli ntuzijane, kuk’ Uhoraho atari kumwe n’Abisirayeli, ari bo bano bantu bose b’Abefurayimu.
8
Ariko namba wiyumvira yuko mur’ ubgo buryo ari ho uzoronka intsinzi mu ntambara, Imana izotuma uneshwa n’abansi; ifise ububasha bgo kugutabara n’ubgo gutuma uneshwa.
9
Amaziya yishura uwo muntu w’Imana, at’ Arikw italanto ijana nahaye ingabo z’Abisirayeli, zo twozigira dute? Uwo muntu w’Imana aramwishura, at’ Uhoraho ashobora kuguha ibisumba ivyo kure.
10
Nuko Amaziya asobanura izo ngabo zaje kuri we zivuye i Bgefurayimu, ngo zisubire i wabo; ivyo bibatera kurakira Abayuda uburake bginshi, basubira i wabo bajanye umwikomo mwinshi.
11
Maze Amaziya agumya umutima, ajana ingabo ziwe baja mu Kiyaya c’Umunyu, bica mu Baseyiri abantu ibihumbi cumi.
12
Abandi ibihumbi cumi nyene Abayuda babafata mpiri, babajana ku gitandara c’imanga, babatembagarizayo, baravunagurika bose.
13
Ariko za ngabo Amaziya yashubijeyo ngo ntibajane na we, batera ibisagara vy’i Buyuda, bavudutse i Samariya kurinda bashika i Beti‐horoni, bavyicamw’ abantu ibihumbi bitatu, banyaga iminyago myinshi.
14
Hanyuma Amaziya atabarutse, avuye kwica Abanyedomu, azana ibigirwamana vy’abo Baseyiri; arabishinga ngo bibe imana ziwe, arabipfukamira, avyosereza imibavu.
15
Ni co catumye uburake bg’Uhoraho buziriringira Amaziya, amutumak’ umuntu yavugisha; uno muntu aramubaza, ati N’iki gituma urondera imana zitākijije bene zo ngo zibakūre mu maboko yawe?
16
Akirikw aramubarira, umwami aramubaza, ati Har’ aho twākwātiye ng’ uje mu bashingantahe banje? Ziba, ntuhave ukubitwa! Nuk’ uwo muvugishwa arahora, arikw aravuga, ati Nzi yukw Imana yagabiye kukwica, ko wakoze ivyo, kandi wanse kwumva inama yanje.
17
Bukeye Amaziya umwami w’ Abayuda aja inama, atuma kuri Yehowasi mwene Yehowahazi, Yehowahazi mwene Yehu, umwami w’Abisirayeli, muti N’uze muhangane.
18
Yehowasi umwami w’ Abisirayeli atuma kwishura Amaziya umwami w’i Buyuda, mut’ Igitovu c’i Lebanoni catumye kw isederi y’i Lebanoni nyene, ut’ Umukobga wawe n’umushingire umuhungu waco. Bukeye igikōko caba i Lebanoni kihahise gikandagira ca gitovu.
19
Nka ko uravuga, ngo Waratsinze Abanyedomu, uraheza wishira hejuru mu mutima wawe, urihayagiza; none rero n’ugume i muhira; n’iki gituma ugomba kwikwegera akaziri, mugapfa mwe n’Abayuda?
20
Ariko Amaziya ntiyaruha amwumvira; kukw ivyo vyari bivuye ku Mana, kugira ngw ibagabure mu maboko y’abansi babo, kuko bagiye kurondera ibigirwamana vy’Abanyedomu.
21
Nuko Yehowasi umwami w’Abisirayeli ni kwo kudūga, bahanganira na Amaziya umwami w’i Buyuda i Beti‐shemeshi h’i Buyuda nyene, bararumana.
22
Maz’ Abayuda baneshwa n’Abisirayeli, umuntu wese ahungira i we.
23
Maze Yehowasi umwami w’Abisirayeli afata mpiri Amaziya umwami w’i Buyuda, mwene Yowasi, Yowasi mwene Ahaziya, amufatira i Beti‐shemeshi nyene; aca aja i Yerusalemu, asangangura uruzitiro rwaho rw’amabuye, uhereye kw irembo ry’Abefurayimu ugashitsa kw irembo ryo ku mfuruka, hose har’ amatambge amajana ane y’ukuboko uciriye mu nkokora.
24
Asahura amazahabu n’amafeza yose, n’ibintu vyose vy’imbombovu bāsanze mu ngoro y’Imana bijejwe Obed‐edomu, n’ivyo bāsanze mu bubīko bgo mu ngoro y’umwami, afata n’ abantu abajana bari mu bugombe, araheza asubira i Samariya.
25
Yehowasi mwene Yehowahazi umwami w’Abisirayeli amaze gutanga, Amaziya mwene Yowasi umwami w’i Buyuda amara iyindi myaka cumi n’itanu.
26
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Amaziya, uhereye ku ca mbere ugashitsa ku c’imperēra, none ntivyanditswe mu gitabo c’abami b’i Buyuda n’i Bgisirayeli?
27
Kuva igihe Amaziya arekeye gukurikira Uhoraho baciye bamuvyukiriza umugararizo i Yerusalemu, araheza ahungira i Lakishi; barungika abamukurikirana i Lakishi, bamutsindayo.
28
Umuvyimba wiwe bawuremēka amafarasi, barawuzana bamuhamba hamwe na ba sekuruza ku murwa w’i Buyuda.
← Chapter 24
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 26 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36