bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 18
2 Chronicles 18
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 19 →
1
Nuko Yehoshafati yar’ afise ubutunzi bginshi n’icubahiro gihambaye. Bukeye bashingirana na Ahabu.
2
Hashize imyaka aramanuka aja kuramutsa Ahabu i Samariya. Maze Ahabu abāgira Yehoshafati n’abari kumwe na we intama n’inka nyinshi cane; araheza aramukubakuba ngo batabarane gutera i Ramoti‐gileyadi.
3
Nuko Ahabu umwami w’Abisirayeli abaza Yehoshafati umwami w’Abayuda, ati Mbega wokwemera kuntabara, ukajana natwe i Ramoti‐gileyadi? Aramwishura, at’ Ego cane, jewe nd’ umwe nawe, n’abantu banje ni bo b’iwawe: nzogutabara mur’ iyo ntambara.
4
Maze Yehoshafati abarira umwami w’Abisirayeli, at’ Enda se banza usiguze ijambo ry’Uhoraho.
5
Nuk’ umwami w’ Abisirayeli akoranya ba kamenyi, bār’ abantu amajana ane; arababaza, ati Mbega tuje gutera i Ramoti‐gileyadi, canke dusigeho? Baramwishura, bati Dūga uhatere, kuk’ Uhoraho azohagabura mu maboko yawe, mugenzi.
6
Ariko Yehoshafati arabaza, ati Mbeg’ uretse aba, nta muntu avugishwa n’Uhoraho yobaho ngo tumusiguze?
7
Umwami w’Abisirayeli yishura Yehoshafati, ati Haracasigaye umuntu umwe twoshobora kubaza, akadusiguriza Uhoraho; ariko ndamwanka, kukw ata ho avugishwa ivyiza kuri jewe, atar’ ivyago; yitwa Mikaya mwene Imula. Yehoshafati aramubarira, ati Sigaho mugenzi, nta co uvuga urtyo!
8
Nuk’ umwami w’Abisirayeli ahamagara umuntu w’inkone, aramubarira, ati Genda unyaruka uzane Mikaya mwene Imula.
9
Kand’ umwami w’Abisirayeli na Yehoshafati umwami w’Abayuda bari bavyagiye ku ntebe zabo z’ ubgami, bambaye imyambaro yabo y’ubgami, bari ku nama kw ishikiro ry’ikirimba c’i Samariya; ba kamenyi bose bavugishirizwa imbere yabo.
10
Maze Zedekiya mwene Kenayana yicurishiriza amahembe y’ivyuma, aravuga, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Aya mahembe ni yo uzokwirukanisha Abasiriya gushitsa baherengeteye.
11
N’abandi ba kamenyi bose bavugishwa bartyo, bati Dūga utere i Ramoti‐gileyadi, bizokubera ko, kuk’ Uhoraho azohagabura mu maboko yawe, mugenzi.
12
Maz’ intumwa yari yagiye guhamagara Mikaya iramubarira, it’ Abavugishwa bose bahūrije hamwe gusigurira umwami ivyiza; none rero nawe amajambo yawe n’abe nk’ayabo, uvuge ivyiza.
13
Mikaya aramwishura, ati Ndakurahiye uguhoraho kw’Uhoraho, ico Imana imbarira cose ni co nja kuvuga.
14
Nukw arengutse imbere y’umwami, umwami aramubaza, ati Mikaya, tuje gutera i Ramoti‐gileyadi, canke dusigeho? Aramwishura, ati Ni mudūge mutere, bizobabera ko, kandi bazogaburwa mu maboko yanyu!
15
Umwami aramubarira, at’ Aho nakurahirije nzogeza ryari, kugira ngo ntugire ico umbarira kitar’ ic’ ukuri mw izina ry’ Uhoraho?
16
Aramwishura, ati Mbonye Abisirayeli bose basābagiye ku misozi nk’intama zitagira umwungere; kand’ Uhoraho agize ngo Bariya n’abatagira shebuja; ni basubire i wabo, umuntu wese yīgīre amahoro.
17
Umwami w’Abisirayeli abarira Yehoshafati, ati Sinakubariye kw atogira ivyiza avugishwa kuri jewe, atar’ ibibi?
18
Mikaya arongera, ati None rero ni mwumve ijambo ry’Uhoraho: mbonye Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe, ingabo zose zo mw ijuru zimuhagaze i buryo n’i bumoso.
19
Maz’ Uhoraho arabaza, ati Ni nde yogenda kwosha Ahabu umwami w’Abisirayeli, ngw adūge i Ramoti‐gileyadi, agweyo? Nuk’ umwe aravuga, ashira ukwiwe, uwundi ukwiwe.
20
Hanyuma haza impwemu, ihagarara imbere y’ Uhoraho, iravuga, iti Jewe ndamwosha. Uhoraho arayibaza, at’ Uja kumwosha ute?
21
Na yo iti Ndagenda nihindure impwemu y’ibinyoma mu kanwa ka ba kamenyi biwe bose. Na we arayishura, ati Nuk’ uramwosha, kand’ uzobishobora; genda ugire urtyo.
22
Nuko non’ ehe rāba, Uhoraho ashize impwemu y’ibinyoma mu kanwa k’aba ba kamenyi bawe bose; kand’ akugeneye ivyago.
23
Maze Zedekiya mwene Kenayana yēgēra Mikaya amukubita urushi, aramubaza, at’ Iyo mpwemu y’Uhoraho yaciye hehe mu kuva muri jewe iza kuvugana nawe?
24
Mikaya aramwishura, at’ Uzoba urabimenya ku musi uzokwitera haruguru mu mpete winyegeza.
25
Maz’ umwami w’ Abisirayeli aravuga, ati Ni mufate Mikaya, mumushīre Amoni umukuru w’umurwa, na Yowasi umwana wanje,
26
mut’ Umwami agize ng’ Uru rugabo murushire mw ibohero, murugaburire ivyo kurya n’amazi vy’intica ntīkize, uti Kugeza ah’ azotabarukira amahoro.
27
Mikaya aravuga, ati Ni waramuka utabarutse amahoro, Uhoraho azoba atamvugishije. Arongera ati Mwa bantu mwese, muraba muvyumvise!
28
Nuk’ umwami w’Abisirayeli na Yehoshafati umwami w’Abayuda baradūga, baja gutera i Ramoti‐gileyadi.
29
Maz’ umwami w’Abisirayeli abarira Yehoshafati, ati Ngiye kwiyoberanya, nje mu rugamba; ariko weho ni wambare imyambaro yawe y’ubgami. Nuk’ umwami w’Abisirayeli ariyoberanya; baraheza baja mu rugamba.
30
Kand’ umwami w’i Siriya yari yabariye abagabisha b’ imikogote yiwe y’intambara, ati Ntimutumbere kurasa abandi, ar’ aboroshe cank’ abahambaye, atar’ umwami w’Abisirayeli wenyene.
31
Nukw abo bagabisha b’imikogote y’intambara babonye Yehoshafati, baravuga, bati Nguriya umwami w’Abisirayeli! Nuko barakebānuka, batumbera we; ariko Yehoshafati atura ubuku, maz’ Uhoraho Imana aramutabara, abatera kumuvako.
32
Maz’ abo bagabisha b’imikogote babonye kw atar’ umwami w’Abisirayeli, barahindukira bareka kumwirukana.
33
Maz’ umuntu umwe wo mu rugamba apfa kurasa, agema umwami w’Abisirayeli ah’ ivyuma bimukingīra bihūrira; aca abarira ūtumbereza umukogote wiwe, ati Hindukiza, unkūre mu rugamba, kuko nkomeretse bibi.
34
Uwo musi intambara irushiriza kuba ihambaye; umwami apfa kwinanata akomeza guhagarara mu mukogote wiwe, ahangana n’Abasiriya gushitsa ku mugoroba; maze nko ku karengazuba aratanga.
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 19 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36