bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 12
2 Chronicles 12
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 13 →
1
Maze Rehobowamu, amaze gushikama ku ngoma yiwe, no kuba ūhambaye, aca areka ivyagezwe vy’Uhoraho, akwega n’ Abayuda bose.
2
Maze mu mwaka ugira gatanu uwo mwami Rehobowamu ari ku ngoma, Shishaki umwami wa Egiputa adūga gutera i Yerusalemu, kuko bācumuye k’Uhoraho.
3
Azanana n’ imikogote y’intambara igihumbi n’amajana abiri, n’abagendera ku mafarasi ibihumbi mirongwitandatu, n’ingabo zitoharūrika zivanye na we muri Egiputa: Abalubimu n’Abasukimu n’Abanyetiyopiya.
4
Atsinda ibisagara vy’i Buyuda bizitijwe inzitiro z’amabuye, araruha ashika n’i Yerusalemu.
5
Maz’ uwavugishwa n’Imana Shemaya aja aho Rehobowamu n’ abaganwa b’i Buyuda bāri bakoraniye i Yerusalemu kubgo gutinya Shishaki, arababarira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Ko mwamuhevye, ngo Ni co gitumye na we abaheba akabagabura mu maboko ya Shishaki.
6
Maz’ abo baganwa b’Abayuda bo n’umwami baca bicisha bugufi, baravuga, bat’ Uhoraho aragororoka, akoze ibikwiye.
7
Uhoraho abonye ko bicishije bugufi, ijambo ryiwe rica riza kuri Shemaya, riti Ko bicishije bugufi, sinzobarandura, ariko nzobakiza haciye akanya; kand’ uburake bganje ntibugisukwa kuri Yerusalemu bikozwe na Shishaki;
8
mugabo azobaganza, kugira ngo bamenye amasabo yanje n’amasabo y’abandi bami bo mw isi.
9
Nuko Shishaki umwami wa Egiputa ni kwo kudūga agatera i Yerusalemu, asahura ivy’ ubutunzi vyari bibītswe mu ngoro y’ Uhoraho n’ivyo mu ngoro y’ umwami, arabijana vyose, atakw ajana n’inkinzo z’amazahabu Salomo yari yaracurishije.
10
Maz’ umwami Rehobowamu acurisha izindi nkinzo mu miringa zo gusubira mu gishingo cazo, azizēza abakuru b’abashibamyi bāshibama ku gisapfu c’ingoro yiwe.
11
Kand’ uk’ umwami yinjira mu ngoro y’Uhoraho, abo bashibamyi bāgenda bazijanye, hanyuma bakazigarukana bakazisubiza mu nzu yabo.
12
Nuko yicishije bugufi, uburake bg’Uhoraho bumuvako, ntiyabarandura rwose; kandi n’i Buyuda vyari bikimeze neza.
13
Nuk’ umwami Rehobowamu ashikama i Yerusalemu, akomeza kuganza; kandi yagiye ku ngoma amaze imyaka mirongwine n’ umwe, ayimarakw imyaka cumi n’indwi ar’ i Yerusalemu nyene, uwo murwa Uhoraho yari yaratoranije mu miryango yose y’ Abisirayeli, ngw ahashire izina ryiwe. Kandi nyina yitwa Nayama Umwamonikazi.
14
Ariko yagenda akora ivy’ ukugabitanya, kukw atāshize umutima ku kurondera Uhoraho.
15
Non’ ivyadonzwe kuri Rehobowamu vyose, uhereye ku ca mbere ugashitsa ku c’imperēra, mbega ntivyanditswe mu vyo Shemaya uwavugishwa n’Imana na Ido kamenyi bādonze, mu vyo kudondōra ba sekuruza? Kandi hāmah’ intambara hagati ya Rehobowamu na Yerobowamu na ntaryo.
16
Nuko Rehobowamu ahamvya ba sekuruza, ahambga ku murwa wa Dawidi; maz’ umuhungu wiwe Abiya asubira ku ngoma yiwe.
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 13 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36