bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 35
2 Chronicles 35
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 34
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 36 →
1
Bukeye Yosiya agira umusi mukuru wa Pasika y’Uhoraho i Yerusalemu. Babāga imyagazi ya Pasika ku musi ugira icumi na kane wo mu kwezi kwa mbere.
2
Ashira abaherezi mu mbu zabo, abatera umwete wo gukora igikorwa co mu ngoro y’ Uhoraho.
3
Kand’ abarira Abalewi berejwe Uhoraho, ari bo bigisha Abisirayeli bose, ati Ni mushire isandugu yera mu ngoro Salomo mwene Dawidi umwami w’Abisirayeli yubatse; ntimuzosubira kurinda kuyirerura ku bitugu vyanyu ukundi. None rero ni mukorere Uhoraho Imana yanyu, bo n’abantu biwe b’Abisirayeli.
4
Mwitegure kuja mu mbu zanyu, nk’ukw amazu ya ba sogokuruza ari, nk’uko vyanditswe na Dawidi umwami w’Abisirayeli na Salomo umuhungu wiwe.
5
Muheze muze muhagarare ahantu hēra, mwiciyemw’ imitigiri ingana n’imigabane y’amazu ya ba sekuruza ya bagenzi banyu batar’ Abalewi, kugira ng’ umugabane wose ugire umutigiri uwākīrira wo mu mazu ya ba sogokuruza, mwebge Abalewi.
6
Muheze mubabāgire ivya Pasika, mwiyeze, abo bagenzi banyu mubibategurire, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho riri, iryo yatumye Mose.
7
Maze Yosiya aha abantu bose bari ngaho imyagazi y’intama n’iy’ impene yo mu mikuku, yo kuba ibimazi vya Pasika; igitigiri c’iyo myagazi car’ ibihumbi mirongwitatu; abaha n’amapfizi ibihumbi bitatu; ivyo vyose ni vyo umwami yatanze kw itunga ryiwe.
8
Kand’ abaganwa biwe na bo nyene nk’uko bavyigombeye baha abantu ibimazi vyo gutanga, babiha n’abaherezi n’Abalewi. Hilukiya na Zekariya na Yehiyeli, abakuru baganza ivy’ ingoro y’Imana, baha abaherezi ivyo gutanga kw ibimazi vya Pasika, imyagazi ibihumbi bibiri n’amajana atandatu, n’amapfizi amajana atatu.
9
Kandi n’ abakuru b’Abalewi, Konaniya na barumuna biwe Shemaya na Netaneli, bo na Hashabiya na Yeyeli na Yozabadi, baha Abalewi ivyo gutanga kw ibimazi vya Pasika, imyagazi ibihumbi bitanu n’amapfizi amajana atanu.
10
Uko ni ko biteguye ivy’ ico gikorwa; abaherezi bahagarara mu myanya yabo, n’Abalewi bahagarara nk’ukw imbu zabo zikurikirana, nk’uk’ umwami yabishinze.
11
Nuko bakerera imyagazi ya Pasika, abaherezi bamija amaraso bayahawe n’abo Balewi, Abalewi na bo baraheza barabāga.
12
Bakūrah’ imitigiri yo kuba ibimazi vyo kwoswa, bayiha abantu nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, kugira ngo na bo bayīhēre Uhoraho kw ibimazi, nk’ uko vyanditswe mu gitabo ca Mose. N’ayo mapfizi na yo bayagenza bartyo.
13
Baraheza batara inyama z’ivyo bimazi vya Pasika, nk’uko vyashinzwe; bateka n’iz’ ibimazi vyera mu nkono no mu masafuriya no mu tuzīhebe; zihiye bakazijana vuba bakaziha abantu bose.
14
Hanyuma bakitegura ivyabo ubgabo bo n’ivy’ abaherezi, kukw abo baherezi bo mu ba Aroni batātirimuka kubgo kwosa ibimazi n’ibinure, bukarinda bgira; ni co catumye Abalewi bitegura ivyabo ubgabo, bakitegura n’ivy’ abo baherezi bo mu ba Aroni.
15
N’abaririmvyi bo mu ba Asafu bāri mu myanya yabo nk’uko vyari vyarashinzwe na Dawidi na Asafu na Hemani na Yedutuni kamenyi w’umwami; abakumirizi na bo bāri ku birimba vyose; na bo nyene ntibārinda kuva ku gikorwa cabo, kuko bagenzi babo b’Abalewi bābitegurira ivyabo na bo.
16
Uko ni kw igikorwa cose c’ Uhoraho cātunganijwe kur’ uwo musi, co kugira umusi mukuru wa Pasika no kwosereza ibimazi ku gicaniro c’Uhoraho, nk’uk’ umwami Yosiya yabishinze.
17
Ico gihe nyene Abisirayeli bāri ngaho baja mu vy’uwo musi mukuru wa Pasika, baja no mu vy’iyindi misi mikuru ndwi y’imitsima itambiwe.
18
Ntihīgeze kuba umusi wa Pasika uhwanye n’uyo mu Bisirayeli, uhereye mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Samweli; kandi nta wundi mu bami b’Abisirayeli yagize umusi mukuru wa Pasika uhwanye n’uwo Yosiya yagize, bo n’abaherezi n’Abalewi n’Abayuda bose n’ Abisirayeli bāri ngaho, n’ababa i Yerusalemu.
19
Iyo Pasika yabaye mu mwaka ugira icumi n’ umunani Yosiya ari ku ngoma.
20
Hanyuma y’ivyo vyose, Yosiya amaze gutunganya urusengero, Neko umwami wa Egiputa aradūga aja gutera Karikemeshi ku ruzi Efurate; maze Yosiya aja kumutega ngw amurwanye.
21
Ariko Neko amutumakw intumwa, uti Mupfa iki na we, ga Mwami w’ Abayuda? Ut’ Ubu si wewe ateye, ut’ Arikw ateye inzu bahamana; uti Mber’ Imana imubariye kwihuta; uti Reka gukorakoza Imana iri kumwe na we, uti Ntihave ikwica.
22
Yamara Yosiya ntiyemera guhindukira ngw amureke, arikw ariyoberanya kugira ngw amurwanye, ntiyumvira amajambo ya Neko avuye ku Mana; barumanira mu kiyaya c’i Megido.
23
Maz’ abarashi barasa umwami Yosiya; abarira abantu biwe, ati Ni munkūre hano, kuko nkomeretse bibi.
24
Nukw abantu biwe bamukūra mu mukogote yarimwo, bamushira mu wa kabiri yar’ afise, bamujana i Yerusalemu; nukw aratanga, bamuhamba mu mva za ba sekuruza. Abayuda bose n’ ab’ i Yerusalemu baramuririra.
25
Na Yeremiya aborogera Yosiya, n’abaririmvyi bose b’abagabo n’abagore iyo bacura intimba bavuga Yosiya kugeza n’ubu; babigira umugenzo mu Bisirayeli; kandi vyanditswe mu majambo y’agacurantimba.
26
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Yosiya, n’ivyiza yakoze yitondera ivyanditswe mu vyagezwe vy’ Uhoraho,
27
n’ibikorwa vyiwe vyose uhereye ku ca mbere ukageza ku c’imperēra, vyanditswe mu gitabo c’abami b’Abisirayeli n’ab’ Abayuda.
← Chapter 34
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 36 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36