bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 16
2 Chronicles 16
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 15
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 17 →
1
Mu mwaka ugira mirongwitatu na gatandatu Asa ari ku ngoma, Bayasha umwami w’ Abisirayeli atera i Buyuda, yubaka i Rama, ngo yīmīre abaja kwa Asa umwami w’Abayuda, cank’ abavayo.
2
Maze Asa abibonye, yābīra ku mafeza no ku mazahabu yari mu bubīko bgo mu ngoro y’ Uhoraho n’ubgo mu ngoro yiwe, ayarungikira Beni‐hadadi umwami w’i Siriya yaba i Damasiko;
3
amutumako, ut’ Urazi ko mwe na we mufitaniye isezerano, uti Nk’ uko ryamye hagati ya so na se; uti Non’ akurungikiye ifeza n’ izahabu: uti Genda ureke isezerano war’ ufitaniye na Bayasha umwami w’Abisirayeli, uti Kugira ngw amuvire mu gihugu.
4
Nuko Beni‐hadadi yemerera umwami Asa, agomora abagabisha b’ingabo ziwe ngo baje gutera ibisagara vy’Abisirayeli; nuko batsinda Iyoni n’i Dani n’i Abeli‐mayimu n’ ibisagara vyose vy’ibigega vy’i Bunafutali.
5
Bayasha avyumvise, areka kwubaka i Rama, aheba ivyo yahakorera.
6
Maz’ umwami Asa ahitana Abayuda bose, baja i Rama, bakūray’ amabuye n’ibiti, ivyo Bayasha yarikw arubakisha; maz’ avyubakisha i Geba n’i Misipa.
7
Ico gihe Hanani kamenyi aza iyo Asa ari, umwami w’i Buyuda, aramubarira, ati Kuko wizigiye umwami w’i Siriya, ntiwizigire Uhoraho Imana yawe, ni co catumye ingabo z’umwami w’i Siriya zigukira.
8
Mbeg’ Abanyetiyopiya n’Abalubimu ntibār’ ingabo nyinshi z’isinzi, zifise imikogote y’intambara n’abagendera ku mafarasi vyinshi cane? Ariko kuko wari wizigiye Uhoraho abagabura mu maboko yawe.
9
Kand’ inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye. Mu vyo wakoze ivyo, wakoze ivy’ ubupfu; nuk’ uhereye ubu uzohora ubona intambara.
10
Maze Asa ashavurira kamenyi uwo, amushira mw ibohero mu mpatane z’ibiti, kukw iryo jambo ryamuteye kumugirira ubushangashirwe. Ico gihe Asa yagenda acuranguza abantu bamwe‐bamwe.
11
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Asa, uhereye ku ca mbere ugashitsa ku c’imperēra, vyanditswe mu gitabo c’abami b’Abayuda n’ab’ Abisirayeli.
12
Maz’ ashitse mu mwaka ugira mirongwitatu n’ icenda ari ku ngoma arwara ibirenge, kand’ iyo ndwara imumerera nabi cane; ariko na ho nyene no mu ndwara yiwe ntiyaja kubaza Uhoraho, atar’ ukuja ku bavūzi.
13
Hanyuma Asa ahamvya ba sekuruza, atanga amaze imyaka mirongwine n’umwe ari ku ngoma.
14
Bamuhamba mu mva yiwe yiyimbishirije mu gisagara ca Dawidi, bamurambika ku buriri bguzuye ibintu bitāmirana n’ ibintu bimoga vy’amoko yose, vyinjijwe n’abahinga bābimogoreye; bamwosereza imibavu myinshi cane.
← Chapter 15
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 17 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36