bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 29
2 Chronicles 29
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 28
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 30 →
1
Hezekiya yar’ amaze imyaka mirongwibiri n’itanu igihe yima, amara imyaka mirongwibiri n’icenda i Yerusalemu ari ku ngoma. Nyina yitwa Abiya, umukobga wa Zekariya.
2
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, nk’ ivyo sekuruza Dawidi yakoze vyose.
3
Mu mwaka wa mbere agiye ku ngoma, mu kwezi kwa mbere, yugurura inzugi z’ingoro y’Uhoraho, arazisana.
4
Ahamagaza abaherezi n’Abalewi, abakoraniriza mu karusha gahera i burasirazuba,
5
arababarira, ati Ni muntege amatwi, yemwe Balewi; enda ni mwiyeze, mweze n’ingoro y’Uhoraho Imana ya ba sogokuruza banyu, mukūre ibihumanya Ahēra Cane.
6
Kuko ba sogokuruza bacu bācumuye, bagakora ivyo Uhoraho Imana yacu abona kw ari bibi, bakamuta, bakarora irya, bagakūra amaso ahantu Uhoraho aba, bakahatera ibitugu.
7
Ikindi, bugaye inzugi zo ku rubaraza, amatara barayazimya, kandi ntibosereza imibavu Imana y’Abisirayeli, canke ngo bosereze ibimazi Ahantu hēra;
8
ni co catumye uburake bg’Uhoraho buza ku Bayuda no ku b’i Yerusalemu, akabatanga ngo babe akūmiza n’akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, nk’uko namwe muvyibonera n’amaso yanyu.
9
Ereg’ ivyo ni vyo vyatumye ba sogokuruza bacu bicwa n’inkota, kand’ abahungu bacu n’abakobga bacu n’abagore bacu bakaba bārabaye inyagano.
10
None ngabiye mu mutima wanje gusezerana isezerano n’Uhoraho Imana y’Abisirayeli, kugira ng’ uburake bgiwe bg’inkazi butuveko.
11
None rero bana banje, mureke kuvyanjanjwako, kukw ari mwebge Uhoraho yatoranije ngo mumuhagarare imbere, mumusukurire, mube abasuku biwe, mwose imibavu.
12
Maz’ Abalewi bava hasi, Mahati mwene Amasayi, na Yoweli mwene Azariya, bo mu ba Kohati; n’abo mu ba Merari, Kishi mwene Abudi, na Azariya mwene Yehaleleli; n’abo mu ba Gerushoni, Yowa mwene Zima, na Edeni mwene Yowa.
13
Abo mu ba Elisafani ni Shimuri na Yeweli; abo mu ba Asafu ni Zekariya na Mataniya;
14
abo mu ba Hemani ni Yehuweli na Shimeyi; abo mu ba Yedutuni ni Shemaya na Uziyeli.
15
Bakoranya bagenzi babo, bariyeza; baraheza barinjira ngo bahumanure iyo ngoro y’Uhoraho, nk’uk’ umwami yageze, kandi nk’uk’ Uhoraho yabgirije.
16
Abaherezi baja haruguru mur’ iyo ngoro y’Uhoraho kugira ngo bahahumanure, ibihumanya vyose basanze mur’ urwo rusengero rwiwe babisohora mu rugo rw’iyo ngoro yiwe. Abalewi baraheza baravyābīra, babijana hirya ku mugezi Kidironi.
17
Kandi bāri bahēreye ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere mu gutangura ivy’ ukweza; ku musi ugira umunani w’ukwo kwezi bashika ku rubaraza rw’Uhoraho; nuko bamara imisi munani beza iyo ngoro y’Uhoraho; maze ku musi ugira icumi na gatandatu w’ ukwo kwezi kwa mbere bararangiza.
18
Baraheza baja i bgami, bashika i kare ah’ umwami Hezekiya ari, baramubarira, bati Tumaze guhumanura ingoro yose y’ Uhoraho, n’igicaniro co kwoserezakw ibimazi bo n’ibintu vyaco vyose, n’ameza y’imitsima y’ibiterekērwa n’ibintu vyayo vyose.
19
Kandi n’ibintu vyose umwami Ahazi yataye mu gucumura kwiwe igihe yari ku ngoma, twabitunganije, turavyeza; none bir’ imbere y’igicaniro c’Uhoraho.
20
Bukeye umwami Hezekiya akoroka kare, akoranya abaganwa bo kur’ uwo murwa, aradūga aja ku ngoro y’Uhoraho.
21
Bazana amamasa ndwi, n’amapfizi y’intama ndwi, n’imyagazi y’intama ndwi, n’amapfizi y’impene ndwi nyene, kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, ngo babitangire ubgami n’urusengero n’Abayuda. Abarira abaherezi bene Aroni kubitangira ku gicaniro c’Uhoraho.
22
Nuko bakerera ayo mamasa, abaherezi batega amaraso, bayamija ku gicaniro; bakerera n’ayo mapfizi y’intama, bamija amaraso yayo kur’ ico gicaniro, bakerera n’iyo myagazi y’intama, bamija n’amaraso yayo kur’ ico gicaniro nyene.
23
Maze ya mapfizi y’ impene bayīgiza hafi imbere y’ umwami n’ikoraniro, ngw abe ikimazi co gutangirwa ivyaha; baraheza bayarambikakw ibiganza.
24
Abaherezi barayakerera, batanga amaraso yayo ku gicaniro kw ikimazi gitangirwa ivyaha, ngo bahongerere Abayuda bose; kuk’ umwami yavuze kw ikimazi co kwoswa n’ikimazi co gutangirwa ivyaha bitangirwa Abayuda bose.
25
Kand’ ashira Abalewi mu ngoro y’Uhoraho bafise ivyo kuvuza vyitwa matowazi n’amakembe n’inanga, nk’uko vyashinzwe na Dawidi na Gadi kamenyi w’ umwami na Natani yavugishwa n’ Imana, kukw ico cagezwe cari kivuye k’Uhoraho agitumye abo yavugisha.
26
Nukw abo Balewi bahagarara ngaho bafise ivyo kuvuza vyashinzwe na Dawidi, n’ abaherezi na bo bafise inzumbete.
27
Maze Hezekiya avuga kw ikimazi co kwoswa bacosereza ku gicaniro. Nukw ico kimazi bagitanguye kucosa, abaririmba indirimbo y’Uhoraho na bo bashirako, bo n’abavuza inzumbete n’ibindi vyo kuvuza vyashinzwe na Dawidi umwami w’Abisirayeli.
28
Maz’ ikoraniro ryose rirasenga, abaririmvyi bakaririmba, abavuza inzumbete bakavuza; vyose biba birtyo gushitsa ah’ ikimazi coshejwe kirangiriye.
29
Nukw ivy’ ico kimazi birangiye, umwami n’abari kumwe na we barūnama, barasenga.
30
Kand’ umwami Hezekiya n’abaganwa babarira Abalewi kuririmbira Uhoraho ishimwe mu ndirimbo za Dawidi n’iza Asafu kamenyi; nuko baririmba ishimwe banezerewe, bunamika amaso, barasenga.
31
Maze Hezekiya arababarira, ati None ko mwirobanuriye Uhoraho, mwīgire hafi, muzane ibimazi n’amashikanwa yo gukenguruka mu ngoro y’Uhoraho. Nukw iryo koraniro rizana ibimazi n’amashikanwa yo gukenguruka; n’abāri bafise imitima ikunze bose bazana ibimazi vyo kwosa.
32
Igitigiri c’ibimazi vyo kwoswa ikoraniro ryazanye car’ amapfizi mirongwirindwi n’amapfizi y’intama ijana n’imyagazi y’intama amajana abiri; ivyo vyose vyar’ ivyo kuba ikimazi co kwosereza Uhoraho.
33
Kand’ ibimazi vyejejwe vyar’ amapfizi amajana atandatu n’intama ibihumbi bitatu.
34
Arikw abaherezi baba bake, ntibāshobora kubāga ibimazi vyose vyo kwoswa; ni co catumye bagenzi babo b’ Abalewi babafasha, gushitsa ah’ igikorwa kirangiriye, no gushitsa ah’ abandi baherezi bāri bamaze kwiyeza, kukw Abalewi bārusha abaherezi kugororoka mu mitima yabo bigatuma bakunda kwiyeza.
35
Kand’ ivyo bimazi vyo kwoswa vyari vyinshi cane, hamwe n’ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe, n’ amashikanwa y’ibiturire yagendana n’ikimazi cose co kwoswa. Uko ni kw ibikorwa vyo mu ngoro y’ Uhoraho vyatunganijwe.
36
Nuko Hezekiya agira akanyamuneza, bo n’abantu bose, kubg’ ivyo Imana yateguriye abantu, kuko vyakozwe giturumbuka.
← Chapter 28
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 30 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36