bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 31
2 Chronicles 31
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 30
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 32 →
1
Nukw ivyo vyose bishize, Abisirayeli bose bāri bakoraniye aho, baca baja mu bisagara vy’i Buyuda, bamenagura amabuye bāshinze, batemagura inkingi bāshingiye Ashera, basibanganya ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi, basangangura n’ibicaniro vy’i Buyuda n’i Bubenyamini, bo n’i Bgefurayimu no mu bg’Abamanase, gushitsa aho babiherengetereje vyose. Abisirayeli bose barahindukira, basubira mu bisagara vyabo, umuntu wese mw ishamvu yiwe.
2
Maze Hezekiya ashinga imbu z’abaherezi n’Abalewi, nk’uko zari zisanzwe, nk’uk’ umuntu wese muri bo yar’ asanzwe akora, ar’ abo gutanga ibimazi vyoswa, ar’ abo gutanga ibimazi vy’ishimwe, ar’ abo guhēreza, ar’ abo gushima, ar’ abo guhimbaza, bahagaze ku birimba vy’urugo rw’Uhoraho.
3
Umwami agera n’umugabane w’ivyo azotanga ku vyo atunze, ku vy’ ibimazi vyo kwoswa bizotangwa mu gitondo no ku mugoroba, n’ibimazi vyo kwoswa ku masabato, n’ivyo mu mboneko z’ukwezi, n’ivy’ imisi mikuru yashinzwe, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vy’Uhoraho.
4
Kand’ agera kw abantu bose baba i Yerusalemu batanga ivyashinzwe guhabga abaherezi n’Abalewi, kugira ngo babone kwitwaririka ivyagezwe vy’Uhoraho.
5
Nukw ico cagezwe kimaze gutāngāzwa, Abisirayeli bazana vyinshi cane vy’ umushuzo w’ingano na vino n’ amavuta ya elayo n’ubūki n’ ivyeze vyose vyo mu mirima; kandi n’ikigiracumi ca vyose babizana ari vyinshi cane.
6
Kand’ Abisirayeli n’Abayuda, bāba mu bisagara vy’i Buyuda, na bo bazana ikigiracumi c’inka n’intama, n’ ikigiracumi c’ibintu vyejejwe bigashikanirwa Uhoraho Imana yabo, ivyo bintu babigira ibirundo.
7
Mu kwezi kwa gatatu ni ho batanguye kurunda ivyo birundo, babirangiza mu kwezi kw’indwi.
8
Maze Hezekiya n’abaganwa baje, bakabona ivyo birundo, baciye bashima Uhoraho n’abantu biwe b’Abisirayeli.
9
Maze Hezekiya abaza abaherezi n’Abalewi ivy’ ivyo birundo.
10
Azariya umuherezi mukuru, umuntu wo mu nzu ya Sadoki, aramwishura, at’ Uhereye igihe abantu batanguriye kuzana amashikanwa mu ngoro y’Uhoraho, twagiye tubona ivyo kurya, tugahāga, tugasigaza vyinshi; kuk’ Uhoraho yahaye abantu biwe umugisha, kand’ ibisāgutse ni vyo ibi bingana birtyo.
11
Maze Hezekiya araheza ababarira ko batunganya ivyumba vyo mu ngoro y’Uhoraho; nuko barabitunganya;
12
babishiramw’ ayo mashikanwa n’ivyo bigiracumi, n’ivyo bintu vyagizwe inyegu, babikoze nk’uko bizigiwe; umukuru yabijejwe yari Konaniya Umulewi, agakurikirwa na murumuna we Shimeyi.
13
Yehiyeli na Azaziya na Nahati, na Asaheli na Yerimoti na Yozabadi, na Eliyeli na Isimakiya na Mahati na Benaya, ni bo bār’ ababgiriza bāgabga na Konaniya na murumuna we Shimeyi, nk’uk’ umwami Hezekiya yabishinze, bo na Azariya umubgiriza w’ingoro y’Imana.
14
Kandi Kore, mwene Imuna Umulewi, umukumirizi w’irembo ry’i burasirazuba, ni we yar’ ajejwe amashikanwa bashikaniye Imana bavyigombeye, agatanga imigabane ku mashikanwa y’Uhoraho no ku bintu vyera cane.
15
Mu bisagara vy’abaherezi yar’ afise abizigirwa yagaba, ni bo aba: Edeni na Minyamini na Yeshuwa na Shemaya na Amariya na Shekaniya; yabagaba mu gikorwa cabo co guha imigabane bagenzi babo, uhereye ku bakuru n’abatoya, ukw imbu zabo zagenda zikurikirana;
16
mugabo ntibayiha abaramukiwe gukora mu ngoro y’Uhoraho ku rubu rwabo, nk’ukw ibikorwa bāgerewe biri uko bukeye, ari bo nyene banditswe mu gitabo kidondora amavuka y’izinamuhungu wese, uhereye ku bamaze imyaka itatu no kuja hejuru.
17
Abaherezi bāgenda bandikwa ukw amazu ya ba sekuruza ari; Abalewi uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, bakandikwa ukw ibikorwa vyabo n’imbu zabo biri.
18
Kandi handikwa n’ababo bose, uhereye ku bagore babo n’abahungu n’abakobga, bose iyo bava bakagera; kuko bāgenda bayoboka mu gukora ivyera.
19
Kandi kubg’ abaherezi bo mu ba Aroni bāba mu matongo aho bafise amaragiro inyuma y’ibisagara vyabo, mu gisagara cose hār’ abantu bazwi amazina bāshiriweho guha umugabane umuntu wese w’izinamuhungu mur’ abo baherezi n’ abanditswe bose mu Balewi mu gitabo kidondora amavuka yabo.
20
Uko ni ko Hezekiya yakoze mu Buyuda hose; yagenda akora ivyiza n’ibiroranye n’ivy’ ukuri imbere y’Uhoraho Imana yiwe.
21
Mu vyo yakora vyose arondera Imana yiwe, uhereye ku bikorwa vyo mu ngoro y’Imana, no ku vyagezwe no ku mabgirizwa, yabikora abishizek’ umutima wiwe wose, bikamubera ko.
← Chapter 30
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 32 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36