bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 21
2 Chronicles 21
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 22 →
1
Maze Yehoshafati ahamvya ba sekuruza, ahambga hamwe na bo ku murwa wa Dawidi; maz’ umuhungu wiwe Yehoramu asubira ku ngoma yiwe.
2
Kandi Yehoramu yar’ afise barumuna biwe, abahungu ba Yehoshafati, Azariya na Yehiyeli na Zekariya na Azariyahu na Mikayeli na Shefatiya; abo bose bār’ abahungu ba Yehoshafati, umwami w’Abayuda.
3
Se abaraga ibiragwa bikomeye, amafeza n’amazahabu n’ibindi bintu vy’igiciro, bo n’ibisagara vy’i Buyuda bizitiriwe inzitiro z’amabuye; ariko Yehoramu aba ari we araga ubgami, kukw ari we mfura yiwe.
4
Maze Yehoramu asubiye ku ngoma ya se, amaze kwigira agakomeye, yicisha inkota abo barumuna biwe bose, bo n’abaganwa bamwe‐bamwe b’i Buyuda.
5
Kandi Yehoramu, aho yatangura kwima, yar’ amaze imyaka mirongwitatu n’ibiri; araheza amara imyaka munani i Yerusalemu ari ku ngoma.
6
Ariko yagendera mu ngeso z’abami b’Abisirayeli, nk’ukw ab’ inzu ya Ahabu bākora, kuko yari yābiriye umukobga wa Ahabu; nukw akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.
7
Mugabo Uhoraho yanka guhonnya inzu ya Dawidi, kubg’ isezerano yari yasezeranye na Dawidi kw azomuha itara rizokwama ryaka mu ruvyaro rwiwe ibihe vyose.
8
Ku ngoma yiwe ni ho Abanyedomu bāgararije Abayuda, biyimikira uwabo mwami.
9
Maze Yehoramu aca ajabukana n’abagabisha biwe b’ingabo n’imikogote yiwe yose y’intambara; maz’ Abanyedomu bamutaye hagati, ahenga mw ijoro, bo n’abagabisha b’imikogote yiwe, bīcīra inzira mur’ abo Banyedomu.
10
Uko ni kw Abanyedomu bīkūye ku Bayuda gushitsa na bugingo n’ ubu. Ico gihe ab’i Libuna na bo baramugarariza, bamwīkūrako, kuko yar’ aretse Uhoraho, Imana ya ba sekuruza.
11
Kandi Yehoramu ataba ibitabo ku mpinga z’imisozi y’i Buyuda, akwegera ababa i Yerusalemu ngo bahurumbire mu bumaka, azimiza Abayuda.
12
Bukeye aronka icete kivuye k’uwavugishwa n’Imana Eliya, kivuga, ng’ Uku ni k’Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi, agize: ngo K’utāgendanye ingeso nziza za so Yehoshafati, canke za Asa umwami w’ Abayuda;
13
ngw Arik’ ukagendana iz’ abami b’Abisirayeli, ugakwegera Abayuda n’ababa i Yerusalemu ngo bahurumbire mu bumaka, ngo Nk’ukw ab’ inzu ya Ahabu bākoze; ngo Kand’ ukica barumuna bawe, ari bo nyene b’inzu ya so bākurusha ingeso nziza;
14
ngo Rāba Uhoraho ngw Azotēza abantu bawe ivyago bikomeye, bo n’abana bawe n’ abamikazi bawe n’ivy’ ufise vyose;
15
ngo Kandi nawe uzorwara indwara ikomeye mu mara, ngo Kand’ izogenda ikura uko bukeye, gushitsa ah’ amara yawe azoruha akavyagira, akuvuye mu nda.
16
Bukeye Uhoraho ahagurukiriza Yehoramu Abafilisitiya bo n’ Abarabo bahereranye n’Abanyetiyopiya;
17
batera i Buyuda, barahadwēbēra, basahura ibintu vyose vyari mu ngoro y’umwami, bajana n’abahungu biwe ar’ inyagano, bo n’abamikazi biwe; ntibamusigarana umwana w’umuhungu n’umwe, atari Yehowahazi umuhererezi wiwe.
18
Hanyuma y’ivyo vyose Uhoraho amutēza indwara mu mara idashobora kuvūrwa.
19
Maz’ igihe kiragera, imyaka ibiri ihise, indwara yiwe ituma amara avyagira, amuva mu nda, apfa yībōnye. Arikw abantu biwe ntibamwosereza imibavu nk’ uko bābigenza kuri ba sekuruza.
20
Aho yatangura kwima, yar’ amaze imyaka mirongwitatu n’ ibiri, araheza amara imyaka munani i Yerusalemu ari ku ngoma; atāmbūra ata wukimugomba. Bamuhamba ku murwa wa Dawidi, ariko si mu mva z’abandi bami.
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 22 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36