bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 13
2 Chronicles 13
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 14 →
1
Mu mwaka ugira icumi n’ umunani Yerobowamu ari ku ngoma, ni ho Abiya yīma i Buyuda.
2
Amara imyaka itatu i Yerusalemu ari ku ngoma, kandi nyina yitwa Mikaya umukobga wa Uriyeli w’i Gibeya. Maze habah’ intambara hagati ya Abiya na Yerobowamu.
3
Abiya aja mu ntambara afise ingabo ibihumbi amajana ane, abantu b’intōre b’abahizi bazi kurwana; Yerobowamu atonda urugamba ahahanganye na we, afise ingabo ibihumbi amajana munani b’intōre nyene b’abahizi.
4
Maze Abiya ahagarara ku musozi Semarayimu wo mu mugamba w’Abefurayimu, aravuga, ati Ni muntege amatwi, yewe Yerobowamu, mwe n’Abisirayeli mwese:
5
mbega ntimwari mukwiye kumenya yuk’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli yahaye Dawidi n’abahungu biwe ubgami, ngo baze baganze Abisirayeli kuzoshitsa ibihe bidashira, abisezeranishije isezerano ritazohinduka?
6
Ariko Yerobowamu mwene Nebati, umushumba wa Salomo mwene Dawidi, yarahagurutse agarariza shebuja.
7
Maz’ abantu b’imburakimazi kandi b’inshirukanya bakoranira kuri we, baraheza binantaza kuri Rehobowamu mwene Salomo, igihe Rehobowamu yar’ akiri muto, akiri seniryo, adashobora kubahagarara imbere.
8
Non’ ehe muriyumvira ko muzotsinda ubgami bg’Uhoraho buri mu maboko ya bene Dawidi, kuko mur’ amasinzi n’amasinzi, mukaba mufise n’ibishushanyo vy’amamasa vy’izahabu, ivyo Yerobowamu yabacurishirije ngo bibe imana zanyu!
9
Mbega ntimwirukanye abaherezi b’Uhoraho bo mu ba Aroni, n’Abalewi, mukīronderera abandi baherezi nk’ ukw imigenzo y’amahanga yo mu bindi bihugu imeze? Ereg’ ūpfuye kwihitanira imasa y’umukangara n’amasuguru ndwi y’intama ngw arobanurwe, muca mumwemerera ubuherezi bg’imana zitar’ Imana!
10
Ariko tweho, Uhoraho ni we Mana yacu, kandi ntitwamuvuyeko; kand’ abaherezi b’ Uhoraho dufise n’abo kuri Aroni, n’Abalewi baracari ku mabango yabo.
11
Bama bosereza Uhoraho ibimazi uko bukeye uko bgije, bakamwosereza n’imibavu itāmirana, bagatondesha n’imitsima y’ ibiterekērwa ku meza yacuzwe mw izahabu iramuye, kand’ uko bgije bakadomeka n’amatara ari ku gitereko cayo c’izahabu; kuko tweho twitondera ivyagezwe vy’ Uhoraho Imana yacu, ariko mweho mwaramuvuyeko.
12
Kand’ ehe rāba, Imana iri kumwe natwe itugiye imbere, kandi n’abaherezi bayo bafise inzumbete z’intabaza, biteguye kuzivuza ngo turwane namwe. Yemwe Bisirayeli, ntimurwanye Uhoraho Imana ya ba sogokuruza, kuko mutazotsinda.
13
Ariko Yerobowamu yari yarekuye abaja kubaca igico, ngo babaturuke inyuma; nuko bamwe basigara bahanganye n’Abayuda, ababaciye igico babaturuka inyuma.
14
Abayuda bagize bartya babona urugamba rur’ imbere yabo, urundi rur’ inyuma. Batakambira Uhoraho, abaherezi baca bavuza inzumbete,
15
ingabo z’ Abayuda zīha akamo; maz’ izo ngabo zicihaye akamo, Imana ica irwaniriza Yerobowamu n’Abisirayeli bose imbere ya Abiya n’ Abayuda.
16
Abisirayeli bakiriko barahunga Abayuda, Imana ibagabura mu maboko yabo;
17
Abiya n’ingabo ziwe babatikiza agatikizo gakomeye; mu ngabo z’ Abisirayeli z’intorwa hapfamw’ ibihumbi amajana atanu.
18
Uko ni kw Abisirayeli bāmazwe igabo ico gihe, Abayuda bakabanesha, kuko bizigiye Uhoraho Imana ya ba sekuruza.
19
Abiya yōma inyuma ya Yerobowamu, amunyaga ibisagara, ni vyo ibi: Beteli na Yeshana na Efuroni, bo n’ udusagara tugenda tuhakūkira.
20
Mbere Yerobowamu ntiyasubira kuvyura umutwe ku ngoma ya Abiya; hanyuma Uhoraho amutēza indwara, arapfa.
21
Ariko Abiya arushiriza kuba ūhambaye, arongora abamikazi cumi na bane, avyara abana b’abahungu mirongwibiri na babiri n’abakobga cumi na batandatu.
22
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Abiya, n’ ivy’ ingeso ziwe, n’ivyo yavuze, biranditswe mu gitabo c’uwavugishwa n’Imana Ido co kudonda inkuru.
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 14 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36