bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 4
2 Chronicles 4
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 5 →
1
Maz’ acurisha igicaniro mu miringa; uburebure bgaco bgar’ amatambge mirongwibiri y’ ukuboko uciriye mu nkokora, n’ubgaguke bgaco bgari mirongwibiri nyene, uburebure bg’ igihagararo bgar’ amatambge cumi.
2
Maz’ akora igikarabiro citwa ikiyaga, akivugutiye mu nkero, ubgaguke bgaco, uhereye ku rubiga rw’uruhande rumwe ugashitsa ku rundi, bgar’ amatambge cumi y’ukuboko uciriye mu nkokora, bgarangana impande zose; uburebure bgaco bg’igihagararo bgar’ amatambge atanu; urubiga rwaco rwazengukwa n’umugozi w’amatambge mirongwitatu.
3
Musi y’urubiga rwaco hari hakīkūjwe n’ibishushanyo vy’uturende, mw itambge rimwe hār’ icumi‐icumi, dukīkūje hirya no hino kur’ ico kiyaga; utwo turende twari dutondeshejwe mu mirongo ibiri, twāvugutiranywe na co kikiri mu nkero.
4
Cari giteretswe ku bishushanyo vy’ amapfizi cumi n’abiri; atatu yarāba i burārūko, yandi atatu yarāba i burengerazuba, yandi atatu yarāba i bumanuko, yandi atatu yarāba i burasirazuba; ico kiyaga cari giteretse kur’ ayo mapfizi, kandi yose yar’ ahānye imigongo.
5
Intimba yaco yangana n’ikiganza c’umuntu, kand’ umunwa waco war’ umeze nk’uw’ igikombe, canke nk’ishurwe ry’irebe; cuzuzwa n’imibindi ibihumbi bitatu.
6
Acura n’ibigarigari cumi vyo kurongamwo; bitanu abishira ku ruhande rw’i buryo, bindi bitanu i bumoso; bābirongamw’ inyama z’ibimazi vyo kwosa, ariko ca gikarabiro citwa ikiyaga car’ ic’ abaherezi co gukarabiramwo.
7
Acura n’ibiterekwakw amatara cumi mw izahabu, nk’ukw ibgirizwa ryavyo riri, abitereka mu rusengero, bitanu mu ruhande rw’i buryo, bindi bitanu mu ruhande rw’i bumoso.
8
Abāza n’ameza cumi, ayatereka mu rusengero, atanu mu ruhande rw’i buryo, yandi atanu mu ruhande rw’i bumoso nyene. Acurisha n’amakarabo ijana mw izahabu.
9
Yubakisha n’urugo rw’inyubakwa, ari ho hār’ ah’ abaherezi, bo n’urugo rw’intangāro, akoresha n’ inzugi zarwo; izo nzugi zarwo azomekakw imiringa.
10
Ca gikarabiro citwa ikiyaga agishira ku ruhande rw’i buryo bg’iyo ngoro, ku mfuruka ihera i burasirazuba n’i bumanuko.
11
Maz’ imibindi n’ivyuma vyo kuyora umunyota n’imibehe Huramu arabikora na vyo. Uko ni ko yanonosoye igikorwa yakorera umwami Salomo c’ingoro y’Imana.
12
Ivyo yakoze vyar’ ibi: za nkingi zompi, na ya myashi yompi yiburungushuye yari mu mitwe y’izo nkingi, n’ibimeze bga nsenga bibiri vyari kuri ya myashi yiburungushuye yari mu mitwe y’ izo nkingi;
13
na vya bishushanyo vy’amakomamanga amajana ane bitondeshejwe kur’ izo nsenga, imirongo ibiri‐ibiri ku nsenga zompi, uko zari kur’ iyo myashi yompi yiburungushuye yari mu mitwe y’izo nkingi;
14
akora na vya bitereko, na vya bigarigari vyo gutereka kuri vyo;
15
na ca kiyaga, na vya bishushanyo vy’amapfizi ukw ar’ icumi na bibiri cari giteretsweko;
16
na ya mibindi na vya vyuma vyo kuyora umunyota n’ivyo kwāruza inyama; ivyo bintu vyose Huramu‐abi yakoreye umwami Salomo vy’ingoro y’Uhoraho, yabikoze mu miringa y’imyākāka.
17
Umwami yabikoreshereje mu kiyaya ca Yorodani bivugutiwe mu nkero, ahantu hār’ ibumba, hagati y’i Sukoti n’i Sereda.
18
Uko ni ko Salomo yakoze ivyo bintu vyose vy’isinzi; uburemerezi bg’imiringa vyakūwemwo ntibgāmenyekanye.
19
Kandi Salomo acurisha ibintu vyose vyo mu ngoro y’Imana, ni vyo ibi: igicaniro c’izahabu, n’ ameza y’imitsima y’ibiterekērwa;
20
n’ibiterekwakw amatara vyacuzwe mw izahabu iramuye, bo n’ amatara yavyo, kugira ngw aze yame yākira hino y’Ahēra Cane, nk’uko vyashinzwe;
21
n’ibisa n’amashurwe, n’ayo matara nyene, n’imakasi zayo zo gutunganya urutambi, na vyo vyar’ ivy’ izahabu y’indobānurwa;
22
n’ imbugita, n’imibehe, n’udukombe, n’udusahani two gushirwak’ umunyota, na vyo nyene vyar’ ivy’ izahabu iramuye; n’amapata y’ inzugi zo haruguru zija Ahēra Cane, n’ay’ inzugi z’ingoro ubgayo, ari rwo rusengero, na yo yar’ ay’ izahabu.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 5 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36