bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 3
2 Chronicles 3
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 4 →
1
Maze Salomo atangura kwubaka ingoro y’Uhoraho i Yerusalemu ku musozi Moriya, ah’ Uhoraho yiyerekeye se Dawidi, ari ho nyene Dawidi yashinze, ku mbuga ya Orunani Umuyebusi.
2
Atangura kwubaka ku musi ugira kabiri wo mu kwezi kwa kabiri, mu mwaka ugira kane ari ku ngoma.
3
Uku ni kw amatanguriro yarēha, ayo Salomo yashizeho kugira ngo yubake ingoro y’Imana. Uburebure bgayo bgar’ amatambge mirongwitandatu y’ ukuboko uciriye mu nkokora, utambitse mu buryo bga kera, ubgaguke bgayo bgar’ amatambge mirongwibiri.
4
Urubaraza rw’ imbere y’iyo ngoro, uburebure bgarwo bg’amakika bgar’ amatambge mirongwibiri, nk’uk’ ubgaguke bg’iyo ngoro bgangana; uburebure bgarwo bg’igihagararo bgar’ ijana na mirongwibiri; imbere kuri rwo ahomekakw izahabu iramuye.
5
Igice kinini c’iyo ngoro, imbere ahomekesha imbaho z’akajwari; na zo azomekakw izahabu iramuye, ashushanyakw ibishushanyo vy’ibigazi n’ ivy’ imigufu.
6
Kand’ iyo ngoro ayomekako n’utubuyenge tw’igiciro kinini kugira ngw ishaze; amazahabu yakoresheje yari yavuye i Paravayimu.
7
Nukw iyo ngoro ayomekakw izahabu, uhereye ku myaro, no mw irebe, no ku bisika vyayo, no ku nzugi zayo; atakw ashushanya n’ibishushanyo vy’abakerubi ku bisika.
8
Yubaka n’Ahēra Cane; uburebure bgaho bgar’ amatambge mirongwibiri y’ukuboko uciriye mu nkokora, kandi bgangana n’ubgaguke bg’iyo ngoro; ubgaguke bgaho bgar’ amatambge mirongwibiri nyene. Imbere ahomeka izahabu iramuye; ukuriba kw’ izahabu yahakoresheje kwar’ italanto amajana atandatu.
9
Imisumari yahakoresheje yar’ icuzwe mw izahabu irivye shekeli mirongwitanu. Ivyumba vyo hejuru na vyo avyomekakw izahabu.
10
Abāza ibishushanyo bibiri vy’abakerubi vyo gushira Ahēra Cane, avyomekakw izahabu.
11
Amababa y’abo bakerubi, uburebure bga yose bgar’ amatambge mirongwibiri; ibaba ry’umwe ryar’ amatambge atanu, kandi ryaruma ku nzu, irindi baba na ryo ryar’ atanu nyene, kandi ryasomana n’iry’ uwundi mukerubi.
12
Ibaba ry’uwundi mukerubi ryar’ amatambge atanu nyene, kandi ryaruma ku nzu ku rundi ruhande, irindi na ryo nyene ryar’ atanu, ryasomana n’iry’ umukerubi wa mbere.
13
Amababa y’abo bakerubi, uburebure bga yose uko yar’ ashanje, bgar’ amatambge mirongwibiri; bari bahagaze ku birenge vyabo, bahanze amaso ku nzu.
14
Igihuzu kihakingīra akijisha mu nyuzi z’amasufe n’iz’ amashigisha n’izisa n’agahama n’izera derere; akijishirakw ibishushanyo vy’abakerubi.
15
Arondera inkingi zibiri zo gushinga imbere y’iyo ngoro; uburebure bgazo bgar’ amatambge mirongwitatu n’atanu y’ ukuboko uciriye mu nkokora; imyashi yazo, uburebure bg’ umwe‐umwe bgar’ amatambge atanu.
16
Acura n’imigufu nk’ iyashizwe Ahēra Cane, ayishira mu mitwe y’izo nkingi; acura n’ ibisa n’amakomamanga, abidombagiza kur’ iyo migufu.
17
Nukw ashinga izo nkingi imbere y’ urusengero, imwe i buryo n’ iyindi i bumoso; iy’ i buryo ayita Yakini, iy’ i bumoso ayita Bowazi.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36