bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 34
2 Chronicles 34
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 33
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 35 →
1
Yosiya yagiye ku ngoma amaze imyaka munani; ayimarakw imyaka mirongwitatu n’ umwe ar’i Yerusalemu.
2
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, agendera mu ngeso nziza za sekuruza Dawidi, ntiyatambamira i buryo cank’ i bumoso.
3
Mu mwaka ugira umunani ari ku ngoma, akir’ umwana, yatanguye kurondera Imana ya sekuruza Dawidi; maze mu mwaka ugira icumi na kabiri atangura gutunganya i Buyuda n’i Yerusalemu, ahakūra ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi, n’inkingi bāshingiye Ashera, n’ibishushanyo bibājwe bo n’ivyavugutiwe mu nkero;
4
basangangura ibicaniro vya za Bayali abahagarikiye, asitaguza n’ inkingi zashingiwe izuba zari zibihanamiye hejuru; amenagura n’inkingi zashingiwe Ashera, n’ ibishushanyo bibājwe n’ivyavugutiwe mu nkero, abigira ishingwe, arimēmēra ku mva z’abābiha ibimazi.
5
Aturirira amagufa y’ abaherezi ku bicaniro vyabo; nukw atunganya i Buyuda n’i Yerusalemu.
6
Kandi ni ko yagenjeje no mu bisagara vyabaye amatongo impande zose, ivy’ Abamanase n’ ivy’ Abefurayimu n’ivy’ Abasimeyoni, no kurinda ashitsa no mu vy’i Bunafutali.
7
Asangangura ibicaniro, ajonjanga inkingi zāshingiwe Ashera, n’ibishushanyo bibājwe, abigira ifu; asitagura n’ inkingi zose zāshingiwe izuba mu gihugu cose c’i Bgisirayeli; araheza arahindukira, asubira i Yerusalemu.
8
Maze mu mwaka ugira icumi n’umunani ari ku ngoma, ahejeje gutunganya igihugu n’urusengero, arungika Shafani mwene Asaliya, na Mayaseya umukuru w’umurwa, na Yowa mwene Yowahazi umwanditsi w’ivyaja biraba, ngo baje gusanisha ingoro y’Uhoraho Imana yiwe.
9
Bashikīra Hilukiya umuherezi mukuru, bamushikiriza amahera yazanywe mu ngoro y’ Imana, ayo Abalewi b’abakumirizi bari barakoranije mu Bamanase no mu Befurayimu no mu masigarira yose y’Abisirayeli, no mu Bayuda bose no mu Babenyamini no mu baba i Yerusalemu;
10
bayaha abāshinzwe gukoresha ibikorwa vyo ku ngoro y’Uhoraho, na bo bayahemba abakozi bakora iyo ngoro, kugira ngo bayisanure bayikomeze;
11
bayaha ababāji n’ abubatsi kugira ngo bagure amabuye abājwe n’ibiti vy’imyaro n’ ivy’ ibishoro vyo gusanura inyubako abami b’i Buyuda bononye.
12
Nukw abo bantu bakora ico gikorwa ar’ abizigirwa; abābarāba n’aba: Yahati na Obadiya, Abalewi bo mu ba Merari, na Zekariya na Meshulamu bo mu ba Kohati, ni bo bābakoresha; kand’ abandi Balewi bose b’abahinga bazi ivyo kuvuza,
13
ni bo bāgenda barāba ivy’ abikorezi, bagakoresha n’ abandi bose bakora igikorwa ic’ ari co cose; kand’ Abalewi bamwe bār’ abakarani n’abashingantahe n’abakumirizi.
14
Maze bariko barasohora amahera yazanywe mu ngoro y’Uhoraho, Hilukiya umuherezi arenguka ku gitabo c’ivyagezwe vy’ Uhoraho, ivyo Mose yazanye.
15
Hilukiya abarira Shafani umukarani, ati Ntoye igitabo c’ivyagezwe mu ngoro y’Uhoraho. Hilukiya araheza agiha Shafani.
16
Shafani ajana ico gitabo, agishīra umwami, amudondera uko vyagenze, at’ Ivyo abasavyi bawe bāgezweko vyose, bābikoze;
17
kandi bābiriye amahera yari mu ngoro y’Uhoraho, bayashikirije abakoresha ibikorwa n’abakozi.
18
Uwo mukarani Shafani yongera kubarira umwami, ati Kand’ umuherezi Hilukiya andungikanye igitabo. Nuko Shafani agisomera umwami.
19
Maz’ umwami yumvise amajambo yo mu vyagezwe, yitantamurirakw impuzu ziwe.
20
Umwami araheza atuma Hilukiya na Ahikamu mwene Shafani na Abudoni mwene Mika n’uwo mukarani Shafani nyene na Asaya umumenyekana wiwe,
21
ati Ni mugende munsigurize Uhoraho, twe n’amasigarira yo mu Bisirayeli no mu Bayuda, ivy’ amajambo yo mur’ ico gitabo batoye; kuk’ uburake bg’Uhoraho budusutsweko ari bginshi, kubga ba sogokuruza batumviye ijambo ry’Uhoraho, ngo bakore ivyanditswe mur’ iki gitabo vyose.
22
Nuko Hilukiya n’abo bandi umwami yatumye, baragenda, baja k’ūvugishwa n’Imana Hulida muka Shalumu, Shalumu mwene Tokihati, umwuzukuru wa Hasira, yajejwe ububīko bg’imyambaro, bamusiguza ivyo. Kand’ uwo mugore yaba i Yerusalemu mu gice caho ca kabiri.
23
Arabishura, at’ Uku ni k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, ngo Murabarira uwo muntu yamubatumyeko,
24
mut’ Uhoraho agize ngw Azotēza ivyago aha hantu, bo n’abahaba, ngo Ni yo mivumo yose yanditswe mur’ ico gitabo bagusomeye, wewe nyene umwami w’i Buyuda;
25
muti Kuko bāmuvuyeko, bakosereza imibavu izindi mana, muti Bakamutēza umwikomo ibikorwa vyose vy’intoke zabo; muti Ni co kizotuma uburake bgiwe busukwa aha hantu, ntihagire ikibuzimya.
26
Ati Kandi mubarire uwo mwami w’i Buyuda yabatumye gusiguza Uhoraho, mut’ Uku ni k’Uhoraho Imana y’ Abisirayeli agize, ngo Ku vy’ ayo majambo wumvise,
27
ngo Kuko watsinzwe mu mutima wawe, ukicisha bugufi imbere yiwe, ari yo Mana, igihe wumva amajambo yavuze ku vy’ aha hantu bo n’ abahaba, ng’ Ukicisha bugufi imbere yiwe, ukītantamurirakw impuzu zawe, ukaririra imbere yiwe, ngo Na we arakwumvise; ni k’Uhoraho agize.
28
Ngo Nukw azoguha guhambga hamwe na ba sogokuruza, ushike mu mva yawe amahoro; ngo Kand’ amaso yawe ntazobona ivyo vyago vyose azotēza aha hantu n’abahaba. Nuko baraza, bagarukanira umwami ayo majambo.
29
Maz’ umwami atuma gukoraniriza hamwe abakuru bose b’i Buyuda n’i Yerusalemu.
30
Umwami araheza aradūga, aja ku ngoro y’Uhoraho, bo n’abashingantahe b’i Buyuda bose n’ ababa i Yerusalemu, bo n’abaherezi n’Abalewi n’abantu bose, abahambaye n’aboroshe; abasomera amajambo yose yo mur’ ico gitabo c’isezerano bātoye mu ngoro y’Uhoraho.
31
Maz’ umwami ahagarara ahantu yamenyereye, asezeranira imbere y’Uhoraho kw azomukurikira, no kuzokwitondera ivyagezwe vyiwe n’amabgirizwa yiwe n’ivyo yashinze, no kuzovyitonderesha umutima wiwe wose n’ubugingo bgiwe bgose, no kuzoshitsa amajambo y’iryo sezerano yanditswe mur’ ico gitabo.
32
Araheza yemeza iryo sezerano ababa i Yerusalemu n’Ababenyamini bose. Nukw ab’i Yerusalemu bashitsa iryo sezerano ry’ Imana, ari yo Mana ya ba sekuruza.
33
Maze Yosiya akūra ibizira vyose vy’ubuyobe mu ntāra zose z’Abisirayeli, yemeza abari mu gihugu c’i Bgisirayeli bose gusaba Uhoraho Imana ya ba sekuruza. Igihe cose yamaze akiriho nta ho bāretse gukurikira Uhoraho, Imana ya ba sekuruza.
← Chapter 33
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 35 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36