bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 15
2 Chronicles 15
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 16 →
1
Maze Mpwemu w’Imana aza kuri Azariya mwene Odedi;
2
aja gusanganira Asa, aramubarira, ati Ni muntege amatwi, yewe Asa, mwe n’Abayuda n’Ababenyamini mwese: Uhoraho azokomeza kubana namwe ni mwakomeza kubana na we, kandi ni mwamurondera muzomubona; ariko ni mwamuheba na we azobaheba.
3
Erega har’ igihe kirekire Abisirayeli bāmaze batagira Imana nyakuri, batagira abaherezi bo kubigisha, badafise n’ivyagezwe.
4
Ariko bashitsweko n’ ivyago, bahindukirira Uhoraho Imana y’Abisirayeli, baramurondera, baramubona.
5
Kandi mur’ ico gihe nta mutēkāno wariho ng’ umuntu agire aho yocārūkira, kuko hāba imivurungano myinshi mu bantu bose bāba mur’ ivyo bihugu,
6
bakagenda bavunagurana, ihanga ritera irindi hanga, igisagara gitera ikindi gisagara, kukw Imana yagenda ibavurungisha ivyago vy’uburyo bgose.
7
Ariko mweho mushikame, amaboko yanyu ntadendebukirwe, kukw ibikorwa vyanyu muzobihērwa ingero.
8
Maze Asa yumvise ayo majambo, ayo mwene Odedi yavugishijwe, arema mu mutima, akūrah’ ibizira vy’ubuyobe mu gihugu cose c’i Buyuda n’i Bubenyamini, no mu bisagara yihesheje umuheto vyo mu mugamba w’ Abefurayimu; yongera guhagarika igicaniro cār’ imbere y’urubaraza rw’ingoro y’Uhoraho.
9
Bukeye akoranya Abayuda n’Ababenyamini bose, n’abaje kuba muri bo bavuye mu Befurayimu no mu Bamanase no mu Basimeyoni; kuko benshi bamucikiye bavuye i Bgisirayeli, babonye yuk’ Uhoraho Imana yiwe ari kumwe na we.
10
Nuko bakoranira i Yerusalemu mu kwezi kwa gatatu kwo mu mwaka ugira icumi na gatanu Asa ari ku ngoma.
11
Kur’ uwo musi baha Uhoraho ibimazi, inka amajana ndwi n’intama ibihumbi ndwi, babikūye ku minyago bāzanye.
12
Maze basezerana isezerano ryo kuzokwama barondeza Uhoraho Imana ya ba sekuruza imitima yabo yose n’ubugingo bgabo bgose;
13
kandi yuk’ ūtemeye kurondera Uhoraho Imana y’Abisirayeli azokwicwa, ar’ umuto cank’ umukuru, ar’ umugabo cank’ umugore.
14
Nuko barahira Uhoraho n’ijwi rirenga, bashira urwamo hejuru, bavuza inzumbete n’inzamba.
15
Kand’ Abayuda bose iyo ndahiro irabanezereza, kuko bari barahiye bīvuye inyuma, bakarondera Uhoraho n’umwete wabo wose, bakamubona; maz’ Uhoraho abaha kugira umutēkāno impande zose.
16
Kand’ umwami Asa yirukana inakuru Mayaka mu bugabekazi, kuko yabājishije igishushanyo c’ubuyobe ngo kibe Ashera; asitura ubgo buyobe bgiwe, aragisya gihinduka ishingwe, agituririra ku mugezi Kidironi.
17
Arikw ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi vy’i Bgisirayeli ntivyākūrwaho; mugabo umutima wa Asa war’ utunganye igihe cose yamaze akiriho.
18
Kandi yinjiza mu ngoro y’ Imana ibintu se yari yaratanze kw inyegu, n’ivyo yatanze kw inyegu na we ubgiwe, amafeza n’amazahabu n’ibintu vy’ibikoreshwa.
19
Ntihasubira kuba iyindi ntambara gushitsa ku mwaka ugira mirongwitatu na gatanu Asa ari ku ngoma.
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 16 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36