bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 30
2 Chronicles 30
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 29
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 31 →
1
Bukeye Hezekiya atuma ku Bisirayeli no ku Bayuda bose, yandikira n’ivyete Abefurayimu n’Abamanase, ngo baze kugira umusi mukuru w’ivya Pasika y’Uhoraho Imana y’Abisirayeli, mu ngoro y’Uhoraho i Yerusalemu.
2
Kuk’ umwami n’abaganwa biwe n’ikoraniro ryose ry’ i Yerusalemu bari bagiye inama yo kugira umusi mukuru w’ivya Pasika mu kwezi kwa kabiri.
3
Ntivyābashobokeye mu gihe gikwiye, kukw igitigiri c’abaherezi biyejeje cāri gito, kand’ abantu batākoraniye i Yerusalemu.
4
Nuk’ umwami n’iryo koraniro ryose barabishima;
5
bashinga ko bitāngāzwa mu Bgisirayeli hose, uhereye i Berisheba ugashitsa i Dani, ngo baze i Yerusalemu ku musi mukuru wa Pasika y’Uhoraho Imana y’Abisirayeli; kuko batāri bakiza ari benshi nk’uko vyari vyarashinzwe.
6
Nukw intumwa zijana ivyete bivuye ku mwami n’abaganwa biwe, zibikwiza mu Bgisirayeli hose no mu Buyuda, zivuga nk’uk’ umwami yashinze, ziti Yemwe Bisirayeli, ni mugaruke k’Uhoraho Imana ya Aburahamu na Isaka na Isirayeli, kugira ngo na we agaruke kuri mwebge abasigaye barokotse abami b’i Ashuri.
7
Ngo Kandi ntimuse na ba sogokuruza banyu, cank’ abandi b’i wanyu bāgenda bacumura k’Uhoraho Imana ya ba sekuruza, bigatuma ibatanga bakagesezwa, nk’uko namwe mubibona.
8
Ngo None rero mweho ntimugamike amazosi nka ba sogokuruza banyu, ariko muyoboke Uhoraho, muze muze mu rusengero rwiwe yejeje gushitsa ibihe vyose, mube abasavyi b’Uhoraho Imana yanyu, kugira ng’ uburake bgiwe bg’inkazi bubaveko.
9
Ngo Kuko ni mwahindukirira Uhoraho, ab’ i wanyu n’abana banyu bazotera akagongwe abābajanye ar’ inyagano, babarekure bagaruke mur’ iki gihugu; ngo Kuk’ Uhoraho Imana yanyu ar’ umunyabuntu kandi n’umunyembabazi, ntazobakūrakw inyonga ziwe ni mwamugarukako.
10
Nukw izo ntumwa ziragenda, zihetura ibisagara vyose vyo mu gihugu c’Abefurayimu n’ic’ Abamanase, zirinda zishika no mu c’ Abazebuloni; ariko barazitwenga cane, barazishinyagurira.
11
Mugabo bamwe bo mu Basheri no mu Bamanase no mu Bazebuloni barīhanūra, baja i Yerusalemu.
12
Kandi n’i Buyuda ukuboko kw’ Imana kubaha guhūza umutima, bumvira ico cagezwe c’umwami n’ abaganwa kivuye kw ijambo ry’ Uhoraho.
13
Nuko mu kwezi kwa kabiri hakoranira abantu benshi i Yerusalemu, kugira umusi mukuru w’ imitsima itambiwe, ar’ ikoraniro rinini cane.
14
Bakūra hasi, bakūrah’ ibicaniro vyar’ i Yerusalemu, n’ibicaniro vyose vyo kwoserezakw imibavu, babita mu mugezi Kidironi.
15
Maze ku musi ugira icumi na kane wo mur’ ukwo kwezi kwa kabiri, babāga ivya Pasika; maz’ abaherezi n’Abalewi baramāramāra, baraheza barīyeza, bazana ibimazi vyo kwoswa mu ngoro y’Uhoraho.
16
Bahagarara mu myanya yabo basanganywe, nk’uko vyashinzwe na Mose umuntu w’Imana; abo baherezi bamija amaraso, Abalewi ari bo bayabahēreje;
17
kuko mur’ iryo koraniro hāri benshi batiyejeje, bituma Abalewi ari bo bagerwa kubāgira umwagazi wa Pasika umuntu wese ahumanye, kugira ngo babēreze Uhoraho.
18
Kukw abantu benshi cane batāri biyejeje, cane‐cane bār’ abo mu Befurayimu no mu Bamanase no mu Bisakari no mu Bazebuloni, bagapfa kurya ivya Pasika uburyo butemewe n’ivyanditswe. Kandi Hezekiya yari yābasengeye,
19
at’ Uhoraho, ari we munyabuntu, n’aharire umuntu wese ashize umutima ku kurondera Imana, ari we Uhoraho Imana ya ba sekuruza, nah’ atejejwe nk’ukw ivyagezwe vy’urusengero rwera biri.
20
Nuk’ Uhoraho yumvira Hezekiya, atunga abantu.
21
Nukw Abisirayeli bāri bakoraniye i Yerusalemu bamara imisi ndwi bari mu misi mikuru y’imitsima itambiwe bafise umunezero mwinshi; kand’ Abalewi n’abaherezi bāhimbaza Uhoraho uko bukeye, bamuririmbira n’amajwi arenga.
22
Hezekiya aremēsha imitima y’Abalewi bose bāgira umwete wo gukorera Uhoraho. Nukw abantu bamara iyo misi ndwi barya ivy’ iyo misi mikuru, batanga ibimazi vy’ishimwe, bakengurukira Uhoraho Imana ya ba sekuruza.
23
Maz’ ikoraniro ryose baja inama yo kwongera kumara iyindi misi mikuru ndwi; nuko bayimara banezerewe.
24
Kuko Hezekiya umwami w’Abayuda yari yahaye iryo koraniro amamasa igihumbi n’intama ibihumbi ndwi vyo gutanga kw ibimazi, abaganwa na bo bariha amamasa igihumbi nyene, n’intama ibihumbi cumi; nukw abaherezi benshi bariyeza.
25
Nukw iryo koraniro ryose ry’Abayuda riranezerwa, bo n’abaherezi n’ Abalewi, n’ikoraniro ryose ryavuye i Bgisirayeli, n’abari baravuye mu gihugu c’i Bgisirayeli bakaza kuba i Buyuda.
26
Nukw i Yerusalemu haba akanyamuneza kenshi, kuk’ uhereye ku ngoma ya Salomo mwene Dawidi umwami w’Abisirayeli, hatāri harīgeze kuba ibihwanye n’ivyo i Yerusalemu.
27
Maz’ abaherezi, ari bo Balewi, barahaguruka, bahezagira abantu; ijwi ryabo ryumvikana ku Mana, ugusenga kwabo gushika ahēra hayo ah’ iba, ari ho mw ijuru.
← Chapter 29
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 31 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36