bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 2
2 Chronicles 2
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 3 →
1
Nuko Salomo agira imigabo yo kwubakira izina ry’Uhoraho ingoro, no kwiyubakira ingoro yiwe ubgiwe.
2
Nukw ashirah’ abantu ibihumbi mirongwirindwi ashinze ivyo kwikorera, n’abandi ibihumbi mirongumunani bāshinzwe kubāza amabuye ku misozi, n’abo kugaba abo bakozi ibihumbi bitatu n’amajana atandatu.
3
Maze Salomo atuma kuri Huramu umwami w’i Tiro, uti Nk’uko wagirira se Dawidi, ukamurungikira ibiti vy’amasederi vyo kwubaka ingoro yiwe, uti Na we abe ari k’umugirira.
4
Uti Non’ agira ngo yubake ingoro y’izina ry’Uhoraho Imana yiwe, ut’ Az’ aheze ayimushikirize, uti Kugira ngo haboneke aho kumwosereza imibavu y’ibintu bimoga, n’aho gutereka imitsima y’ibiterekērwa, n’aho kwosereza ibimazi vyo mu gitondo no ku mugoroba, n’ivyo ku masabato, n’ivyo mu mboneko z’ukwezi n’ivyo ku misi mikuru yashinzwe y’Uhoraho Imana yabo; uti Kukw ivyo ar’ icagezwe c’intahava ku Bisirayeli.
5
Uti Kand’ iyo ngoro agomba kwubaka ni nini; uti Kukw Imana yabo ar’ agakomeye, isumba izindi mana zose.
6
Ut’ Ariko ni nde yoshobora kuyubakira ingoro, uti Kw ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, itoshobora kurikwirwamwo? Uti None nka we, n’inda n’indēsho, yar’ iki vyotuma ayubakira ingoro, ut’ Atar’ ukurondera aho yoyosereza imibavu gusa?
7
Uti Nuko none umurungikire umuntu w’umuhinga azi gucura ivy’ amazahabu n’ivy’ amafeza n’ivy’ imiringa n’ivy’ ivyuma, azi no kujisha impuzu mu nyuzi z’amashigisha n’izisa n’agahama n’iz’ amasufe, azi no guca amagarwe, uti Kugira ngw az’ aze afatanye n’abantu biwe b’abahinga bar’ i Buyuda n’i Yerusalemu, ut’ Abo se Dawidi yasize atoye.
8
Uti Kand’ uz’ umurungikire ibiti vy’ amasederi n’ivy’ akajwari, n’ivya alumugi, vy’i Lebanoni; uti Kukw azi kw abantu bawe ar’ abahinga bo guca ibiti i Lebanoni; uti Kand’ abantu biwe bazofatanya n’abawe;
9
uti Kugira ngo bamutunganirize ibiti vyinshi cane, uti Kukw iyo ngoro agomba kwubaka izoba nini y’igitangaza.
10
Uti Kand’ abo bantu bawe b’ababāji baca ibiti, azobaha ingero zitwa koro ibihumbi mirongwibiri z’ingano zisekuye, uti N’ingero ibihumbi mirongwibiri za sayiri, uti N’imibindi ya vino ibihumbi mirongwibiri, uti N’imibindi y’ amavuta ya elayo ibihumbi mirongwibiri nyene.
11
Maze Huramu umwami w’i Tiro arungikira Salomo icete co kumwishura, at’ Uhoraho, kubg’ urukundo yakunze abantu biwe, ni co catumye akugira umwami wabo.
12
Huramu agerekako, aravuga, at’ Uhoraho, Imana y’ Abisirayeli, yaremye ijuru n’isi, ahimbazwe, kuko yahaye umwami Dawidi umwana akerebutse, yahawe ubuhanga n’ubgenge, akaba ari we agiye kuzokwubakira Uhoraho ingoro, no kuzokwiyubakira ingoro yiwe ubgiwe.
13
Ati None ndungitse umuntu w’umuhinga yahawe ubgenge, yitwa Huramu‐abi;
14
nyina avuka mu ba Dani, ariko se yar’ uw’ i Tiro. N’umuhanga azi gucura ivy’ amazahabu n’ivy’ amafeza n’ivy’ imiringa n’ ivy’ ivyuma, azi no kubāza amabuye n’ibiti, no kujisha impuzu z’amashigisha n’iz’ amasufe n’ izera derere n’izisa n’agahama, azi no guca amagarwe y’uburyo bgose, azi no kwigenera ivy’ ubuhinga bg’uburyo bgose. Azofatanya n’abantu bawe b’abahinga, ari bo bahinga nyakwubahwa so Dawidi yasize atoye.
15
None rero za ngano na sayiri n’amavuta ya elayo na vino, ivyo wavuze, nyakwubahwa, uz’ ubiturungikire,
16
natwe tuzohumbira ibiti i Lebanoni, ivy’ uzogomba vyose; tuzobikurungikira tubitēkeye imbambo, tubicishe mu kiyaga bishike i Yopa; nawe uz’ ubidūganishe i Yerusalemu.
17
Maze Salomo aharūra abāvuye mu mahanga bose bari mu gihugu c’Abisirayeli, nk’uko se Dawidi yari yarabaharūye; baba ibihumbi ijana na mirongwitanu na bitatu n’amajana atandatu.
18
Nukw ashirah’ ibihumbi mirongwirindwi ashinze ivyo kwikorera, n’abandi ibihumbi mirongumunani bāshinzwe kubāza amabuye ku misozi, n’abo kugaba abo bakozi ibihumbi bitatu n’ amajana atandatu, ngo babakoreshe.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36