bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 5
2 Chronicles 5
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 6 →
1
Uko ni kw igikorwa cose Salomo yakoreye ingoro y’Uhoraho carangiye. Maze yinjiza ivyo se Dawidi yari yaragize inyegu y’ Uhoraho, amafeza n’amazahabu, n’ibintu vy’ibikoreshwa, abishira mu bubīko bg’ingoro y’Imana.
2
Maze Salomo akoranya abashingantahe b’Abisirayeli n’abakuru b’imiryango bose, ari bo bakuru bo mu mazu ya ba sekuruza b’ Abisirayeli, bakoranira i Yerusalemu, kugira ngo badūgane isandugu y’isezerano ry’Uhoraho, bayikūye mu gisagara ca Dawidi, ari ho i Siyoni.
3
Nukw abagabo bose b’Abisirayeli bakoranira i bgami mu kwezi kw’indwi, ngo bagire imisi mikuru.
4
Nukw abakuru bose bo mu Bisirayeli baraza, Abalewi baraheza barerura isandugu.
5
Nuko badūgana iyo sandugu, n’ihema ry’ibonaniro, bo n’ibintu vyera vyari mw ihema vyose; ivyo vyose abaherezi, ari bo Balewi, ni bo bābidūganye.
6
Maz’ umwami Salomo hamwe n’ ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bāri bakoraniye imbere yiwe bahagaze imbere y’iyo sandugu, batanga intama n’inka kw ibimazi zitoharūrwa canke ngo zimenyekane igitigiri, kuko zar’ isinzi.
7
Maz’ abaherezi binjiza iyo sandugu y’ isezerano ry’Uhoraho, bayishikana ahayo, haruguru mu ngoro, ari ho Hēra Cane, musi y’amababa y’abakerubi;
8
kukw ivyo bishushanyo vy’abakerubi vyari bishanje amababa hejuru y’ikibanza c’iyo sandugu, bigakīngīra iyo sandugu n’iminiho yayo.
9
Kand’ iyo miniho yayo yari miremire, bigatuma ūhagaze Ahēra, hafi y’ Ahēra Cane, yashobora kubona imitwe yayo, arik’ ūhagaze hanze ntiyayibona; kandi ni ho ikiri no kugeza n’ubu.
10
Mur’ iyo sandugu nta kindi carimwo atari vya bisate bibiri Mose yashiriyemw’ i Horebu, igihe Uhoraho yasezerana isezerano n’Abisirayeli, hamwe bava muri Egiputa.
11
Maz’ abaherezi barasohoka bava Ahēra, kukw abāri baje bose bo mu baherezi bāri biyejeje, ntibarinze kuzanwa n’ukuza mu mbu zabo;
12
kand’ Abalewi bose b’abaririmvyi, Asafu na Hemani na Yedutuni n’abigishwa babo na bagenzi babo, bāri bahagaze i ruhande y’igicaniro ahahera i burasirazuba, bambaye impuzu zera derere, bavuza ivyitwa matowazi n’amakembe n’inanga, bari kumwe n’abaherezi ijana na mirongwibiri bavuza inzumbete.
13
Nukw abāvuza inzumbete n’ abaririmvyi bahūza amajwi, bakumvikanisha ijwi rihūye batāzīra Uhoraho bamukengurukira, bakavuza ijwi rirengēra izo nzumbete na matowazi n’ibintu bicurarangwa, bagatāzīra Uhoraho, bat’ Uhoraho ni mwiza, kukw imbabazi ziwe zamah’ ibihe bidashira; nukw ako kanya igicu c’ igipfungu gica cuzura mu ngoro y’Uhoraho,
14
bituma abaherezi badashobora guhagararayo ngo bahereze kubg’ ico gicu, kuk’ ubgiza bg’Uhoraho bgari bguzuye mur’ iyo ngoro yiwe.
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 6 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36