bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 9
2 Chronicles 9
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 10 →
1
Umwami w’umugore yaganza i Sheba yumvise ingene Salomo yabaye rurangiranwa, aza azanywe no kumugerageresha ibibazo bigoye; nukw ashika i Yerusalemu agendaniwe n’abantu benshi b’isinzi, afise n’ingamiya zīremētse imibavu n’amazahabu y’itīti, n’utubuyenge tw’igiciro kinini; ashitse kwa Salomo amudondorera ivyari mu mutima wiwe vyose.
2
Nuko Salomo amusobanurira ivyo amubajije vyose; nta kintu na kimwe cāmunaniye kw amusobanurira.
3
Nuk’ uwo mwami w’i Sheba abonye ingene Salomo ar’ umunyabgenge, n’ ingoro yubatse ukw imeze,
4
n’ ivyo kurya vyo ku meza yiwe ukuntu vyari, n’abo mu rugo rwiwe uko bīfata, n’abasuku biwe uko bahēreza, n’ukuntu bambaye, bo n’abakevyi biwe bamuhēreza igiturire, n’ukuntu bambaye, n’ ibimazi vyo kwosa yatanga mu ngoro y’Uhoraho, arajorerwa.
5
Abarira umwami, at’ Inkuru numvise ndi mu gihugu canje z’ ibikorwa vyawe n’ubgenge bgawe, zar’ iz’ ukuri.
6
Ariko sinari navyemeye gushitsa nīyiziye, nkavyibonera n’amaso yanje. Ereg’ ivyo bāmbariye vy’ingen’ ufise ubgenge buhebuje ntibishika n’ agace k’ivyo mbonye: ivyawe bisumba uko navyumvise.
7
Hahirwa abantu bawe, hahirwa n’aba bagendanyi bawe bama imbere yawe bakumva ubgenge bgawe!
8
Uhoraho Imana yawe ahimbazwe, yagushimye akagushira ku ngoma yiwe, ng’ ube umwami, umutwarire. Imana yawe ko yakunze Abisirayeli, ikabakomeza gushitsa ibihe vyose, ni co catumye ikwimika ng’ ube umwami wabo, kugira ng’ uce izibereye n’ iziroranye.
9
Maz’ aha umwami izahabu italanto ijana na mirongwibiri, amuha n’imibavu myinshi y’isinzi, n’utubuyenge tw’ igiciro kinini; ntihongeye kuboneka imibavu isa n’iyo uwo mwami w’i Sheba yahaye umwami Salomo.
10
Kand’ abantu ba Huramu bo n’aba Salomo bāhora bazana amazahabu bayakūye i Ofiru, bāzanana n’ibiti vyitwa alumugi n’ utubuyenge tw’igiciro kinini.
11
Ivyo biti vya alumugi umwami ni vyo yabājemw’ ivyuririzo vy’ ingoro y’Uhoraho n’ivy’ ingoro yiwe ubgiwe; yabibājemwo n’ inanga n’amakembe vy’abaririmvyi; ntihāri hārīgeze kuboneka ibiti vya alumugi nk’ivyo mu gihugu c’i Buyuda.
12
Nuk’ umwami Salomo aha uwo mwami w’i Sheba ivyo yagomba vyose n’ico amwatse cose, udashizemw’ ivyo yamushubirije mu nkōko ku vyo yamugemuriye. Bukeye uwo mwami arahaguruka, aragenda, asubira mu gihugu ciwe, bo n’abantu biwe.
13
Amazahabu yaza kwa Salomo mu mwaka mu mwaka, ukuriba kwayo kwashika italanto amajana atandatu na mirongwitandatu na zitandatu,
14
udashizekw ayo abahanjuzi n’abadandaza bāzana; kand’ abami bose bo muri Arabiya n’abaganza igihugu bāzanira Salomo amazahabu n’amafeza.
15
Maz’ umwami Salomo acurisha inkinzo nini‐nini amajana abiri mw izahabu, imwe‐imwe yacurwa mw izahabu irivye shekeli amajana atandatu.
16
Acurisha n’inkinzo nto‐nto amajana atatu mw izahabu nyene, imwe‐imwe yacurwa mw izahabu irivye shekeli amajana atatu; umwami azishira muri ya nzu yitwa iy’ Ikibira c’i Lebanoni.
17
Kand’ umwami yibāzishiriza intebe nini y’ubgami mu mahembe y’inzovu, ayomekakw izahabu iramuye;
18
iyo ntebe yar’ ifise aho kudondagira hatandatu, n’agatebe ko gushirakw ibirenge gacuzwe mw izahabu, gafatanijwe n’iyo ntebe; kand’ impande zompi z’icicaro cayo yar’ ifise aho gushirakw amaboko, n’ibishushanyo bibiri vy’intambge, kimwe gihagaze ku ruhande rumwe, ikindi ku rundi rw’ahashirwa amaboko nyene.
19
Kandi hār’ ibishushanyo vy’intambge cumi na bibiri, bidondagije kimwe‐kimwe impande zompi z’aho kudondagira ukw ari hatandatu; mu bihugu vyose nta ntebe y’ubgami yigeze kubāzwa ihwanye n’iyo.
20
Kand’ ibintu vyose vy’umwami Salomo vyo kunywesha vyar’ ivy’ izahabu, n’ibikoreshwa vyose vyo mur’ iyo nzu yitwa iy’ Ikibira c’i Lebanoni vyar’ ivy’ izahabu iramuye; kuko ku ngoma ya Salomo ifeza ata co bāyiyumvirako.
21
Kuk’ umwami yar’ afise amāto aja i Tarushishi, ajanwa n’abantu ba Huramu; ukw imyaka itatu ishize, ayo māto y’i Tarushishi yagaruka azanye amazahabu n’ amafeza n’amahembe y’inzovu n’ inkima n’ibisīga vyitwa tawusi.
22
Uko ni k’ umwami Salomo yarusha abami bose bo mw isi ubutunzi n’ubgenge.
23
Mu bihugu vyose vyo mw isi hāhora haza abami bagomba kubona Salomo, no kwumva ivyo avugishwa n’ubgenge Imana yashize mu mutima wiwe.
24
Umuntu wese muri bo yaza azanye indamukanyo, ar’ ivyakozwe mu mafeza canke mu mazahabu, ar’ ivyambarwa, ar’ ibirwanishwa, ar’ imibavu, ar’ amafarasi, ar’ inyumbu; ni ko vyagenda uk’ umwaka utashe.
25
Kandi Salomo yar’ afise impongore ibihumbi bine z’amafarasi yakwega imikogote yiwe, n’abantu bagendera ku mafarasi ibihumbi cumi na bibiri, bamwe abashira mu bisagara bibīkwamw’ imikogote, abandi i we i Yerusalemu.
26
Kandi yaganza abami bose, uhereye kuri rwa ruzi Efurate, ugashitsa ku gihugu c’Abafilisitiya, ukagarukira ku rubibe rwa Egiputa.
27
Umwami, amafeza yararushe ayahindura nk’ amabuye i Yerusalemu, n’ibiti vy’amasederi bihinduka nk’ivy’ imisukomora vyo mu biyaya mu kuba vyinshi.
28
Kandi bāzanira Salomo amafarasi bayakūye muri Egiputa no mu bindi bihugu vyose.
29
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Salomo, uhereye ku ca mbere ugashitsa ku c’imperēra, mbega ntivyanditswe mu vyo Natani uwavugishwa n’Imana yadonze, no mu vyo Ahiya w’i Shilo yavugishijwe, no mu vyo Ido kamenyi yabonye kuri Yerobowamu mwene Nebati?
30
Salomo yamaze imyaka mirongwine ari ku ngoma aganza Abisirayeli bose ar’ i Yerusalemu.
31
Nuko Salomo ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ku murwa wa se Dawidi; maz’ umwana wiwe Rehobowamu asubira ku ngoma yiwe.
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 10 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36