bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 24
2 Chronicles 24
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 23
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 25 →
1
Yowasi yar’ amaze imyaka ndwi igihe yaja ku ngoma; ayimarakw imyaka mirongwine i Yerusalemu. Nyina yitwa Sibiya w’i Beri‐sheba.
2
Yowasi akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza igihe cose Yehoyada umuherezi yabayeho.
3
Yehoyada amuronkera abamikazi babiri, bavyarana abana b’abahungu n’abakobga.
4
Hanyuma y’ivyo Yowasi agira imigabo yo gusanisha ingoro y’ Uhoraho.
5
Akoranya abaherezi n’Abalewi, arababarira, ati Ni mugende muje mu bisagara vy’i Buyuda, mukoranye amahera mu Bisirayeli bose yo kuzogenda asanisha ingoro y’Imana yanyu uk’ umwaka utashe; kandi mubigirire umwete wo kubinyarutsa. Arikw abo Balewi ntibābinyarutsa.
6
Bukeye umwami ahamagaza umuherezi mukuru Yehoyada, aramubaza, ati N’iki cakubujije kubgira Abalewi gutoza Abayuda n’ab’i Yerusalemu ikori, iryo Mose umusavyi w’Uhoraho yashingiye ikoraniro ry’Abisirayeli, ngo baritange kubg’ ihema ry’ibonaniro?
7
Kukw abahungu ba Ataliya, wa mugore mubi, bāri bārahubaguye ingoro y’Imana, kand’ ibintu vyose vyāri vyāragizwe inyegu, vyāri mur’ iyo ngoro y’Uhoraho, babiha za Bayali.
8
Maz’ umwami agera ko babāza isandugu, ngo bayitereke hanze, ku kirimba c’urugo rw’ingoro y’ Uhoraho.
9
Babitāngāza mu Buyuda hose n’i Yerusalemu ngo bazanire Uhoraho ikori, iryo Mose umusavyi w’Imana yashingiye Abisirayeli, igihe bāri mu bugaragwa.
10
Maz’ abaganwa bose n’abantu bose birabanezereza, bararizana, umuntu wese aterera mur’ iyo sandugu, gushitsa barangije.
11
Maz’ Abalewi, iyo babonye ko mur’ iyo sandugu harimw’ amahera menshi, bāca bayizanira ababgiriza b’umwami, maz’ umukarani w’umwami n’umubgiriza n’umuherezi mukuru bakaza, bakayacurānura, iyo sandugu bakayijana, bakayisubiza aho yar’ iri. Uko ni ko bābigenza uko bukeye, bagakoranya amahera menshi cane.
12
Maz’ umwami na Yehoyada bakayaha abāshinzwe gukoresha ibikorwa vyo kur’ iyo ngoro y’Uhoraho; na bo bakarārika abubatsi b’amabuye n’ababāji ngo basane iyo ngoro, bakarārika n’abacuzi b’ivyuma n’ imiringa vyo kuyisana nyene.
13
Nukw abo bakozi barakora, baja imbere mu gikorwa co gusana iyo ngoro y’Imana, basubira kuyihagarika nk’uko yahora, barayikomeza.
14
Bamaze kuyuzuza, bashikiriza umwami na Yehoyada amahera asigaye, na bo bayacurishamwo ivyo gukoresha mu ngoro y’ Uhoraho: ibikoreshwa vy’ubuherezi, n’ivyo gukoresha mu kwosa ibimazi, n’udukombe, n’ibintu vy’ amazahabu n’ivy’ ifeza. Nuko bama bosa ibimazi ubudasība mu ngoro y’Uhoraho igihe cose Yehoyada yamaze akiriho.
15
Ariko Yehoyada aramvye igihe kirekire ashika mu zabukuru, araheza arapfa; yapfuye amaze imyaka ijana na mirongwitatu.
16
Bamuhamba ku murwa wa Dawidi hamwe n’abami, kuko yakoze neza mu Bisirayeli, no ku Mana, no mu vy’ingoro yayo.
17
Hanyuma Yehoyada amaze gupfa, abaganwa b’i Buyuda baraza, bakubita inkoro hasi imbere y’umwami. Maz’ umwami yumviriza ivyabo.
18
Maze baca baheba ingoro y’Uhoraho Imana ya ba sekuruza, basaba Ashera n’ ibindi bishushanyo. Uburake bg’ Uhoraho buraheza buza ku Bayuda no ku b’i Yerusalemu kubg’ ico gicumuro cabo.
19
Yamar’ akagenda abarungikira abavugishwa na we bo kubagarukana kuri we, bakāma babāgiriza, ariko bo bakanka kwumva.
20
Maze Mpwemu w’Imana aza kuri Zekariya mwene Yehoyada umuherezi; ahagarara ahataramutse imbere y’abantu, arababarira, at’ Uku ni k’Uhoraho Imana agize, ngo N’iki kibateye gucumura ku vyagezwe vyiwe, bikababuza kuroranirwa? Ko mwahevye Uhoraho na we arabahevye.
21
Bamugīra inama, bamwicisha amabuye bivuye ku cagezwe c’umwami, bamutsinda mu nyubakwa yo ku ngoro y’Uhoraho.
22
Uko ni k’umwami Yowasi atibutse ineza Yehoyada se w’uwo Zekariya yamugiriye, akamwicira uwo mwana wiwe nyene. Akirikw arapfa, yaravuze, at’ Uhoraho n’arābe ibi, abihōre.
23
Maz’ uwo mwaka ushize, ingabo z’Abasiriya ziradūga, zitera Yowasi. Bashika i Buyuda n’i Yerusalemu, bageseza abaganwa bose bo mu gihugu, barabamara, barungikira umwami w’i Damasiko iminyago yose babanyaze.
24
Kand’ izo ngabo z’Abasiriya zaje ar’ igitero gito, arik’ Uhoraho agabura ingabo nyinshi cane z’Abayuda mu maboko yabo, kuko bari bamuhevye, ari we Uhoraho Imana ya ba sekuruza. Nukw Abasiriya bashitsa kuri Yowasi itēka yaciriwe.
25
Hanyuma bahindukiye bamuvuyeko, basize arwaye asinzikaye, abantu bo mu banyarugo biwe bgite baramugarariza, bamutsinda ku kirwa ciwe, arapfa, kubg’ amaraso ya mwene Yehoyada umuherezi yavishije; baraheza bamuhamba ku murwa wa Dawidi, ariko ntibamuhamba mu mva z’ abandi bami.
26
Abāmugararije n’aba: Zabadi umwana wa Shimeyati Umwamonikazi, na Yehozabadi umwana wa Shimuriti Umunyamowabukazi.
27
Nukw ivy’ abahungu biwe, n’imbūri nyinshi yabūriwe, n’ ingene yasanishije ingoro y’Imana, biranditswe mu bidōnda inkuru vyo mu gitabo c’abami. Maz’ umuhungu wiwe Amaziya asubira ku ngoma yiwe.
← Chapter 23
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 25 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36