bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 10
2 Chronicles 10
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 11 →
1
Bukeye Rehobowamu aja i Shekemu, kukw ari ho Abisirayeli bose bari bagiye kumwimikira.
2
Maze Yerobowamu mwene Nebati aravyumva; kandi yari muri Egiputa, iyo yari yarahungiye umwami Salomo; nukw avyumvise arahindukira, ava muri Egiputa.
3
Batuma kumuhamagara; ashitse araza, bo n’ Abisirayeli bose, babarira Rehobowamu,
4
bati So yadutwaje igitugu; none rero, n’utugerurire ibikorwa bibabaza so yadukoresha, utugabanyeko n’iyo ntwaro yadutwaza, natwe tuzogusaba.
5
Arabishura, ati Ni mugende mumare imisi itatu, muze muheze mugaruke mbabarire. Nukw abantu baragenda.
6
Maz’ umwami Rehobowamu aragenda agīsha inama abashingantahe bāri kuri se Salomo akiriho, arababaza, ati Mwongīra inama ki nokwishura abo bantu?
7
Baramwishura, bati Ni wemera kugirira neza aba bantu, ukabanezereza, ukababarira amajambo meza, nuko na bo bazokwumvira ibihe vyose.
8
Ariko yanka iyo nama abo bashingantahe bamugīriye, aja kugīsha inama imisore yārukanye na we, yari kuri we.
9
Arababaza, at’ Inama yanyu n’inki, twokwishura abo bantu bambariye, ngo ni ndabagabanyeko intwaro data yabatwaza?
10
Nukw iyo misore iramubarira, it’ Uze wishure abantu bakubariye ngo so yabatwaje igitugu, ariko ngo weho ubagabanyekw iyo ntwaro; uz’ ubabarire, ut’ Uruhererezi rwanje ruruta ubunini ikiyunguyungu ca data!
11
Ut’ Ariko naho data yabatwaje igitugu, uti Jeho nzorushiriza; uti Data yabakubitisha ibimōko, ut’ Ariko jeho nzobakubitisha sikorupiyo.
12
Nuko ku musi ugira gatatu Yerobowamu n’abantu bose baza ku mwami Rehobowamu, nk’uko yababariye kuzogaruka i we ku musi ugira gatatu.
13
Maz’ uwo mwami Rehobowamu yanse inama yagīriwe na ba bashingantahe, abishura abakankamira,
14
ababarira nk’ukw inama ya ya misore iri, ati Data yabatwaje igitugu, ariko jeho nzorushiriza; data yabakubitisha ibimōko, ariko jeho nzobakubitisha sikorupiyo.
15
Nuk’ umwami ntiyemerera abantu; kukw ivyo vyari bivuye ku Mana ari we Uhoraho, kugira ngw ashitse ijambo yari yarabariye Yerobowamu mwene Nebati, aritumye Ahiya w’i Shilo.
16
Maz’ Abisirayeli bose babonye yuk’ umwami yanse kubemerera, baramubarira, bati Dawidi har’ ico tumwegako? Eka nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire, umuntu wese yīgīre i muhira! Nawe Dawidi, urīmenya mwe n’umuryango wawe! Nukw Abisirayeli bose baritahira, basubira i wabo.
17
Arikw Abisirayeli baba mu bisagara vy’i Buyuda, abo bo Rehobowamu arabaganza.
18
Bukeye umwami Rehobowamu arungika Adoramu, ari we yagaba ivy’ abanyabikebere; Abisirayeli bamutera amabuye, arapfa. Umwami Rehobowamu avyumvise, aca arakwakwanya yūrira mu mukogote wiwe, ahungira i Yerusalemu.
19
Uko ni kw Abisirayeli bāgararije inzu ya Dawidi gushitsa na bugingo n’ubu.
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 11 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36