bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 28
2 Chronicles 28
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 27
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 29 →
1
Ahazi yar’ amaze imyaka mirongwibiri igihe yima, amara imyaka cumi n’itandatu i Yerusalemu ari ku ngoma. Mugabo ntiyakora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, nk’uko sekuruza Dawidi yakora;
2
ariko yagendera mu ngeso z’abami b’Abisirayeli, agakoresha ibishushanyo vya za Bayali bivugutiwe mu nkero.
3
Ikigeretseko, yosereza imibavu mu mwonga wa mwene Hinomu, atanga n’abana biwe kw ibimazi ngo boserezwe mu muriro, nk’ ukw ibizira vy’ubuyobe vy’abanyamahanga vyari bimeze, abo Uhoraho yari yarirukanye imbere y’Abisirayeli.
4
Yatanga ibimazi akosereza imibavu mu bitabo no ku mpinga z’imisozi no musi y’ igiti cose gitotahaye.
5
Kubg’ ivyo Uhoraho Imana yiwe amugabura mu maboko y’umwami w’i Siriya. Abasiriya baramunesha, bafata mpiri benshi cane mu bantu biwe, babajana i Damasiko ar’ inyagano. Arongera agaburwa mu maboko y’umwami w’Abisirayeli, na we aramunesha, yica benshi cane.
6
Kuk’ uwo mwami Peka mwene Remaliya yishe mu Bayuda ingabo ibihumbi ijana na mirongwibiri ku musi umwe, bose ar’ abantu b’abahizi; inyanduruko n’uko bāri baretse Uhoraho Imana ya ba sekuruza.
7
Kandi Zikuri, umuntu w’umuhizi wo mu Befurayimu, yica Mayaseya umwana w’umwami, na Azurikamu umubgiriza wo mu ngoro i bgami, na Elukana uwa kabiri ku mwami.
8
Nukw Abisirayeli bajana mu b’i wabo abantu ibihumbi amajana abiri ar’ inyagano, b’abagore n’ abahungu n’abakobga, babasahura n’amasahu menshi cane, babijana i Samariya.
9
Ariko hāriy’ ūvugishwa n’Uhoraho yitwa Odedi; aragenda aja gusanganira izo ngabo zihindukiye i Samariya, arababarira, at’ Ereg’ icātumye Uhoraho Imana ya ba sogokuruza agabura Abayuda mu maboko yanyu n’uko yar’ abarakiye, ariko mwebge mwabicanye ishavu ryinshi rishika mw ijuru.
10
None mugabiye kugandura Abayuda n’ab’i Yerusalemu ngo mubagire abagurano n’abaguranokazi; aho mwebge nta bicumuro mufise vyanyu ubganyu mwācumuye k’ Uhoraho Imana yanyu?
11
Enda rero ni munyumve, ni musubizey’ aba bantu b’i wanyu mwanyaze; kuk’ uburake bg’inkazi bg’Uhoraho buri kuri mwebge.
12
Maz’ abaganwa bamwe b’Abefurayimu, Azariya mwene Yohanani, na Berekiya mwene Meshilemoti, na Yehizikiya mwene Shalumu, na Amasa mwene Hadulayi, barahaguruka, babuza abo batabārutse mu ntambara,
13
barababarira, bat’ Abo bantu b’inyagano ntimubazane ngaha; kukw ico mugomba gukora kizoducumuza k’ Uhoraho, congereze ivyaha vyacu n’ibicumuro vyacu; kuko na none twācumuye bikomeye, kandi twebge Abisirayeli dufitiwe uburake bg’inkazi.
14
Nukw izo ngabo zica zisiga abo bantu b’inyagano bo n’amasahu basahuye imbere y’ abo baganwa, n’imbere y’abāhakoraniye bose.
15
Maz’ abo bantu bavuzwe amazina barahaguruka, bābīra abo bantu b’inyagano; abāri bambaye ubusa bose bo muri bo babambika ivyo bakūye mu masahu, babaha impuzu n’ inkweto, barabagaburira, babaha n’ivyo kunywa, babasiga amavuta; abananiwe bose muri bo babashira ku ndogoba, babashikana mu b’i wabo i Yeriko, igisagara c’ibigazi; baraheza basubira i Samariya.
16
Ico gihe umwami Ahazi atuma ku mwami w’i Ashuri ngw amutabare,
17
kukw Abanyedomu bāri bongeye gutera i Buyuda, bakahanesha, bakajana abaho ar’ inyagano.
18
Kandi n’Abafilisitiya na bo bāri bateye ibisagara vyo mu kiyaya, n’ivy’ i Buyuda bg’i bumanuko, bafata i Beti‐shemeshi, n’i Ayaloni, n’i Gederoti, n’i Sokoho, n’ibisagara bihakūkira, n’i Timuna n’ibisagara bihakūkira, n’i Gimuzo na ho nyene n’ibisagara bihakūkira; baca barahinjira.
19
Uhoraho yari yacishije Abayuda bugufi, abahōye Ahazi umwami wabo, kuko yakoze ivy’ isoni nke mu Buyuda, agacumura k’Uhoraho bitangaje.
20
Nuko Tigulati‐pileseri umwami w’i Ashuri aza kuri we; ariko mu gishingo co kumuremesha amurandura umutima.
21
Kuko Ahazi yābiriye ibintu bimwe vyo mu ngoro y’Uhoraho, no mu ngoro yiwe ubgiwe, no mu mazu y’ abaganwa, akabishikanira umwami w’i Ashuri; ariko ntivyagira ico bimumarira.
22
Maz’ uwo mwami Ahazi nyene, igihe aburaniwe arushiriza kuja imbere gucumura k’ Uhoraho,
23
kuko yahaye ibimazi imana z’i Damasiko zamunesheje, akavuga, at’ Izo mana z’abami b’i Siriya ko zabafashije, hinge nanje ndazihe ibimazi zintabare. Ariko zāmukwegeye akaziri, bo n’Abisirayeli bose.
24
Nuko Ahazi akoranya ibintu vyose vy’imbombovu vyo mu ngoro y’Imana, arabijanjagura, yugara inzugi z’iyo ngoro y’Uhoraho; yiyubakira ibicaniro ahantu hose h’i Yerusalemu.
25
No mu gisagara cose c’i Buyuda atabamw’ ibitabo vy’aho kwosereza imibavu izindi mana, atera umwikomo Uhoraho Imana ya ba sekuruza.
26
Ibindi vyose vyadonzwe kuri we, n’ivy’ ingeso ziwe zose, uhereye ku vya mbere ugashitsa ku vy’ imperēra, vyanditswe mu gitabo c’abami b’Abayuda n’ab’ Abisirayeli.
27
Nuko Ahazi ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ku murwa w’i Yerusalemu, kuko batāmuhamvye mu mva z’abami b’i Buyuda; maz’ umuhungu wiwe Hezekiya asubira ku ngoma yiwe.
← Chapter 27
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 29 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36