bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 11
2 Chronicles 11
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 12 →
1
Ariko Rehobowamu ashitse i Yerusalemu, akoranya umuryango w’Abayuda n’uw’ Ababenyamini, bakorana ar’ ingabo z’ abahizi ibihumbi ijana na mirongumunani, ngo baje gutera Abisirayeli, bagarukanire Rehobowamu igihugu.
2
Maz’ ijambo ry’ Uhoraho riza kuri Shemaya umuntu w’Imana,
3
riti Barira Rehobowamu mwene Salomo, umwami w’Abayuda, n’Abisirayeli bose bar’ i Buyuda n’i Bubenyamini,
4
ut’ Uku ni k’ Uhoraho agize, ngo Ntimuze mudūge kurwanya ab’i wanyu; ngo Ni mwitahire, umuntu wese asubire i we; ngo Kukw ivyabaye vyavuye kuri we. Nuko bumvira iryo jambo ry’Uhoraho, baritahira, bareka kuja gutera Yerobowamu.
5
Nuko Rehobowamu aba i Yerusalemu, yubaka ibisagara i Buyuda, abiha inzitiro z’amabuye zikomeye.
6
Yubaka Betelehemu na Etamu na Tekowa,
7
na Beti‐suri na Sokoho na Adulamu,
8
na Gati na Maresha na Zifu,
9
na Adorayimu na Lakishi na Azeka,
10
na Sora na Ayaloni na Heburoni, ibisagara vy’i Buyuda n’i Bubenyamini bikīkūjwe inzitiro.
11
Agumya amaboma, ayashiramw’ abagabisha b’ingabo, abīkamw’ ivyo kurya n’amavuta ya elayo na vino.
12
Mu gisagara cose ahashira inkinzo n’amacumu, akigira igikomeye cane. Nukw akomeza kuganza i Buyuda n’i Bubenyamini.
13
Maz’ abaherezi n’Abalewi bāba i Bgisirayeli hose baza kuri we, bavuye mu ntāra zabo zose.
14
Bata amaragiro yabo n’amatongo yabo, baja i Buyuda n’i Yerusalemu, kuko Yerobowamu n’ abahungu biwe bābirukanye mu buherezi bgabo bgo guhereza Uhoraho;
15
Yerobowamu akīshirirah’ abandi baherezi bo mu bitabo vyo ku mpinga z’imisozi, ngo bahēreze ibisigo vy’amapfizi y’impene n’ibishushanyo vy’ amamasa yacurishije.
16
Maz’ abo Balewi bakurikirwa n’abari bafise umwete wo kurondera Uhoraho Imana y’Abisirayeli, bavuye mu miryango yose y’Abisirayeli, bacīkira i Yerusalemu ngo babone gushikanira Uhoraho Imana ya ba sekuruza ibimazi.
17
Nuko batera ingoma y’i Buyuda gushikama, na Rehobowamu mwene Salomo na we nyene bamuha gushikama kumara imyaka itatu; kuko mur’ iyo myaka itatu bāgendana ingeso nziza za Dawidi n’iza Salomo.
18
Rehobowamu arongora Mahalati umukobga wa Yerimoti, Yerimoti mwene Dawidi; nyina yari Abihayili umukobga wa Eliyabu, Eliyabu mwene Isayi.
19
Bavyarana abana b’abahungu Yushi na Shemariya na Zahamu.
20
Hanyuma y’uwo arongora Mayaka umukobga wa Abusalomu, bavyarana Abiya na Atayi na Ziza na Shelomiti.
21
Kandi Rehobowamu akundwakaza Mayaka umukobga wa Abusalomu kumurutisha abandi bamikazi biwe bose, n’incoreke yar’ afise zimeze bga bagore; kuko yar’ afise abamikazi cumi n’umunani, n’incoreke mirongwitandatu, avyara abana b’abahungu mirongwibiri n’umunani n’abakobga mirongwitandatu.
22
Maze Rehobowamu asobanura Abiya, uwo yavyaye kuri Mayaka, aba ari we aha ubugabo mu bo bavukana, kukw ari we yagomba kw azoba umwami.
23
Aca mu bgenge, akwiragiza abahungu biwe bose mu ntāra zose z’i Buyuda n’i Bubenyamini, ahār’ igisagara hose kizitijwe uruzitiro rw’amabuye; abaha ivyo kurya vyinshi vyo kubatunga; abaronderera n’abagore benshi.
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 12 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36