bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 8
2 Chronicles 8
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 9 →
1
Nuko hashize imyaka mirongwibiri, ari yo Salomo yubakiyemw’ ingoro y’Uhoraho n’ iyiwe ubgiwe,
2
Salomo asanura ibisagara Huramu yari yaramuhaye, abigerēramw’ Abisirayeli.
3
Maze Salomo atera i Hamati‐zoba, arahanesha.
4
Araheza yubaka igisagara c’i Tadumori mu bugaragwa, n’ibisagara vyose vy’ ibigega, ivyo yubatse i Hamati.
5
Yubaka n’i Beti‐horoni ho haruguru n’i Beti‐horoni ho hepfo, ibisagara bizitijwe inzitiro z’amabuye, bifise inzugi mu marembo n’ibihindizo.
6
Yubaka n’i Bayalati, n’ibindi bisagara vyose vy’ ibigega vyiwe, n’ibisagara vyose vyo kubīkamw’ imikogote yiwe, n’ivy’ abagendera ku mafarasi biwe, n’amazu yose yagomvye kwubaka i Yerusalemu n’i Lebanoni no mu gihugu cose yaganza.
7
Abantu bose b’amasigarira y’ Abaheti n’Abamori n’Abaferizi n’Abahiwi n’Abayebusi, abatār’ Abisirayeli,
8
abuzukuruza babo bari barasigaye mu gihugu, abo Abisirayeli batāranduye, abo ni bo Salomo yatōjemw’ abo gushinga ibikebere, abahindura abaja na bugingo n’ubu.
9
Ariko mu Bisirayeli bo, nta bo yahinduye abaja ngo bamukorere; ariko bār’ ingabo zo kuja mu ntambara, n’ abagabisha bakuru b’ingabo, n’ abagaba abagendera ku mafarasi n’imikogote.
10
Abo ni bo bakoresha bakuru babgiririza Salomo; bose na bose bar’ amajana abiri na mirongwitanu, bābgiriza abantu.
11
Maze Salomo yimura umwamikazi wiwe, umukobga wa Farawo, mu gisagara ca Dawidi, amushira mu ngoro yamwubakiye; kuko yavuze, at’ Umwamikazi wanje ntiyoba mu ngoro ya Dawidi umwami w’Abisirayeli, kukw ah’ isandugu y’Imana yashitse hose ar’ ahantu hēra.
12
Kandi Salomo yagenda yosereza Uhoraho ibimazi ku gicaniro c’Uhoraho nyene, ico yari yarubatse imbere y’urubaraza,
13
akāma atanga ivyashinzwe na Mose vyatangwa uko bukeye, bo n’ivyo ku masabato n’ivyo mu mboneko z’ukwezi, n’ivyo ku misi mikuru yashinzwe, nk’ukw ikurikirana gatatu‐gatatu mu mwaka, ari yo misi mikuru y’imitsima itambiwe, n’umusi mukuru ukurikira amasabato ndwi, n’imisi mikuru y’insago.
14
Atunganya imbu z’abaherezi uko zākurikirana zo gukora, nk’uko se Dawidi yasize ashinze, n’ivy’ ibikorwa vy’ Abalewi vyo guhimbaza no gufasha abaherezi, nk’ukw ibikorwa vyabo vy’imisi yose vyari biri, n’ ivy’ abashibamyi na bo, nk’ukw imbu zabo zakurikirana ku birimba vyose; kukw ari ko Dawidi, wa muntu w’Imana, yari yasize abishinze.
15
Nta bgirizwa na rimwe bāvako mu yo umwami yasize ageze ku vy’abaherezi n’ Abalewi, canke ku kintu ic’ ari co cose, canke ku vy’ububīko.
16
Uko ni ko Salomo yatunganije ibikorwa vyose, uhereye ku musi yashiriyeh’ itanguriro ry’ingoro y’Uhoraho gushitsa aho yayujurije. Nukw iyo ngoro y’Uhoraho iruzura.
17
Maze Salomo aja i Eziyoni‐geberi n’i Eloti, kw isēsero ry’ ikiyaga mu gihugu c’Abanyedomu.
18
Huramu amurungikira amāto, ayarungikanye abantu biwe, bo n’abazi gusōza bamenyereye ivy’ ikiyaga; baragenda bafatanya n’abantu ba Salomo, baja i Ofiru, bakūray’ amazahabu italanto amajana ane na mirongwitanu, bayazanira umwami Salomo.
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 9 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36