bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 14
2 Chronicles 14
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 15 →
1
Nuko Abiya ahamvya ba sekuruza, ahambga ku murwa wa Dawidi; maz’ umuhungu wiwe Asa asubira ku ngoma yiwe. Ku ngoma yiwe igihugu kimara imyaka cumi gifise impore.
2
Asa akora ivyo Uhoraho Imana yiwe abona kw ari vyiza kandi bibereye,
3
kuko yakūyeh’ ibicaniro vyubakiwe ibigirwamana vy’abanyamahanga bo n’ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi, amenagura amabuye bāshinze, atemagura inkingi bāshingiye Ashera;
4
maz’ agera Abayuda ko barondera Uhoraho Imana ya ba sekuruza, no kwitondera ivyagezwe vyiwe n’amabgirizwa.
5
Kand’ akūra mu bisagara vyose vy’i Buyuda ibitabo bātavye n’ ibishushanyo vy’izuba. Nuko ku ngoma yiwe igihugu kigira impore.
6
Kandi yubaka i Buyuda ibisagara bizitijwe inzitiro z’amabuye, kuko hār’ impore mu gihugu, kandi mur’ iyo myaka nta ntambara yarwanye, kuk’ Uhoraho yar’ amuhaye umutēkāno.
7
Yari yarabariye Abayuda, ati Ni muze twubake ibi bisagara, tuvyubakire inzitiro n’iminara, dushireh’ inzugi mu marembo n’ibihindizo; igihugu kiracar’ icacu, kuko twarondeye Uhoraho Imana yacu; twamurondeye, na we aduhaye kugira umutēkāno impande zose. Nuko barubaka, bigenda neza.
8
Kandi Asa yar’ afise ingabo z’ Abayuda ibihumbi amajana atatu zitwaje inkinzo n’amacumu, n’iz’ Ababenyamini ibihumbi amajana abiri na mirongumunani zitwaje inkinzo kandi b’abarashi; abo bose bār’ abantu b’abahizi.
9
Bukeye Zera Umunyetiyopiya araza arabatera, afise ingabo ibihumbi igihumbi, n’imikogote y’ intambara amajana atatu, ashika i Maresha.
10
Maze Asa aja kumutega, batonda urugamba mu kiyaya Zefata i Maresha.
11
Asa araheza atakambira Uhoraho Imana yiwe, at’ Ewe Uhoraho, nta mutabazi ariho atari wewe, ashobora gutabara abanyantege nke akabakiza abanyenkomezi; ewe Uhoraho Mana yacu, udutabare, kukw ari wewe twizigiye, kandi tuje mw izina ryawe kurwanya iki gitero kingana girtyo. Ewe Uhoraho, ni wewe Mana yacu: ntuneshwe n’umuntu buntu.
12
Maz’ Uhoraho arwaniriza Abanyetiyopiya imbere ya Asa n’ Abayuda; abo Banyetiyopiya baca barahunga.
13
Maze Asa n’ ingabo ziri kuri we barabakinagiza, babashitsa i Gerari; mu Banyetiyopiya hapfa benshi cane, ntibāba bagishobora kwigarukira, kuko bātikiriye imbere y’Uhoraho n’imbere y’ingabo ziwe. Abayuda bīronkera amasahu menshi.
14
Maze batera ibisagara vyose bihereranye n’i Gerari, kukw abaho Uhoraho yari yābaciye umuhongo. Basahura ivyo bisagara vyose, baharonka amasahu menshi.
15
Batera amahema y’abanyabitungwa, banyaga intama z’ ibitayega n’ingamiya, baraheza basubira i Yerusalemu.
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 15 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36