bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 20
2 Chronicles 20
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 21 →
1
Hanyuma y’ivyo Abanyamowabu n’Abamoni hamwe n’ab’i Mayoni bamwe batera Yehoshafati ngo bamurwanye.
2
Maze haza imbūri zibarira Yehoshafati, zit’ Uratewe! Haje ingabo nyinshi z’isinzi zivuye i Siriya hakurya y’ikiyaga; kand’ ubu zigeze i Hasasoni‐tamari (ari ho Eni‐gedi).
3
Yehoshafati agira ubgoba, aca agira umwete wo kurondera Uhoraho, ashinga umusi wo kwisonzesha mu Buyuda hose.
4
Maz’ Abayuda bose bakoranira hamwe ngo basabe Uhoraho abatabare; nuko bava mu bisagara vyose vy’i Buyuda bazanywe no kurondera Uhoraho.
5
Maze Yehoshafati ahagarara mw ikoraniro ry’Abayuda n’ab’i Yerusalemu aho nyene ku ngoro y’Uhoraho, ahahanganye n’urugo rusha;
6
arasenga, at’ Ewe Uhoraho, Mana ya ba sogokuruza, none si wewe Mana yo mw ijuru? Kandi si wewe ugaba abami bose b’abanyamahanga? Mu kuboko kwawe harimw’ ububasha n’inkomezi, bituma ata woguhagarara imbere.
7
None ga Mana yacu, si wewe wirukanye abāba mur’ iki gihugu imbere y’abantu bawe b’ Abisirayeli, ukagiha uruvyaro rwa Aburahamu umukunzi wawe ibihe vyose?
8
Bakakibamwo, bakakikwubakiramw’ ingoro y’izina ryawe, bagasenga,
9
bat’ Ivyago ni vyadutera, ar’ inkota cank’ igihano cank’ ikīza cank’ inzara, tuzoza duhagarare imbere y’iyi ngoro, n’imbere yawe, kukw izina ryawe riri mur’ iyi ngoro, tugutakambire nk’uko tuzoba tumerewe nabi, nawe uzokwumva, udutabare.
10
Nuko none, ehe rāba Abamoni n’Abanyamowabu n’abo ku musozi Seyiri, abo wari warabujije Abisirayeli ngo ntibabatere, hamwe bāva mu gihugu ca Egiputa, bagaca hirya ntibabarandure,
11
none rāba ivyo batwishuye: baje kutwirukana mw ishamvu yawe, iyo waduhaye ngo tuyegukire.
12
Ewe Mana yacu, mbega none ntiwobacirakw itēka? Kukw ata nkomezi dufise zo kurwanya ico gitero kingana girtyo kije kudutera, kandi turabuze ico twokora; ariko ni wewe duhanze amaso.
13
Nukw Abayuda bose bahagarara ngaho imbere y’Uhoraho, bari kumwe n’utwana twabo duto‐duto, n’abagore babo, n’abana babo bakuze.
14
Maze Mpwemu w’Uhoraho aza kuri Yahaziyeli mwene Zekariya, Zekariya wa Benaya, Benaya wa Yeyeli, Yeyeli wa Mataniya, Umulewi, umwe wo mu ba Asafu; amuzakw aho yar’ ari hagati mur’ iryo koraniro;
15
aravuga, ati Ni mutege amatwi, yemwe Bayuda mwese, namwe ababa i Yerusalemu, nawe Mwami Yehoshafati: uku ni k’Uhoraho agize: ati Nta co mutinya, canke ngo muranduke imitima kubg’ ayo masinzi y’ingabo; kukw intambara atar’ iyanyu, ariko n’iy’ Imana.
16
Ejo muze mumanuke mubatege; rāba ubu bariko baradūga akadūgo k’i Sisi, muzobasanga ah’ ikiyaya giherera, aharābana n’ubugaragwa bg’i Yeruweli.
17
Mur’ iyo ntambara ntimuzorinda kurwana, ariko muze mutonde urugamba, mwihagararire gusa, murābe agakiza Uhoraho azobakirisha, yemwe Bayuda namwe b’i Yerusalemu. Ntimuze mutinye, canke ngo muranduke imitima: ejo muze muje kubatega, kuk’ Uhoraho azoba ari kumwe namwe.
18
Maze Yehoshafati yunamika amaso, akubita inkoro hasi, n’ Abayuda bose n’ababa i Yerusalemu barūnama bashika hasi imbere y’Uhoraho, baramusenga.
19
Maz’ Abalewi bo mu ba Kohati n’abo mu ba Kora bava hasi ngo batāzīre Uhoraho Imana y’ Abisirayeli, bavuga n’ijwi rirenga cane.
20
Bukeye bgaho barazinduka, bafata inzira ngo baje mu bugaragwa bg’i Tekowa; bagitangura kugenda, Yehoshafati ahagarara ngaho, aravuga, ati Ni muntege amatwi, yemwe Bayuda, namwe ababa i Yerusalemu; mwizere Uhoraho Imana yanyu, mubone gushikama; mwizere n’abavugishwa na we, mubone gutsinda.
21
Nukw amaze kuja inama n’ abantu, ashirahw abo kuririmbira Uhoraho no kumutāzīra, bashazishije ukwera, kugira ngo bagende bītangiye imbere y’ingabo, baririmbe, bati Ni mushime Uhoraho, kukw imbabazi ziwe zamah’ ibihe bidashira.
22
Nuko bagitangura kuririmba no gutāzīra, Uhoraho ashirah’ abo guca igico abāri baje gutera i Buyuda, ari bo Bamoni n’ Abanyamowabu n’abāvuye ku musozi Seyiri, baca basubiranamwo.
23
Kukw Abamoni n’ Abanyamowabu baciye bahindukirana abāvuye ku musozi Seyiri, kugira ngo babice, babageseze; nuko bamaze guherengeteza abo Banyaseyiri, bīsubiraniramw’ ubgabo, umuntu wese na mugenzi we bashirako baricana.
24
Hanyuma Abayuda bashitse ku munara wo gushibamako wo mu bugaragwa, bagize ngo bararāba ayo masinzi y’ingabo, basanga n’imirambararo hasi, ata warushe akira n’umwe.
25
Maze Yehoshafati n’ingabo ziwe bagiye ngo bīsahurire isahu, bahasanga ibigenda vy’ibitayega, n’ibintu vyinshi, n’impuzu, n’utugenegene tw’ igiciro; nuko bamaze kubakoba, bibananira kubitwara kuko vyari vyinshi; bamara imisi itatu bīsahurira isahu, kuko vyar’ isinzi.
26
Ku musi ugira kane bakoranira mu kiyaya c’i Beraka, bahashimira Uhoraho; ni co catumye aho hantu hitwa Ikiyaya c’i Beraka gushitsa na bugingo n’ubu.
27
Nuko baratabaruka, Abayuda n’ab’i Yerusalemu bose, Yehoshafati abakāmagiye imbere, basubira i Yerusalemu banezerewe, kuk’ Uhoraho yabahaye kwibonera abansi babo.
28
Nuko bashika i Yerusalemu bavuza amakembe n’ inanga n’inzumbete, bashika ku ngoro y’Uhoraho.
29
Maz’ ubgoba buvuye ku Mana bufata abami bo mu bihugu vyose, bumvise yuk’ Uhoraho yarwanije abansi b’Abisirayeli.
30
Nukw igihugu ca Yehoshafati kigira impore, kukw Imana yiwe yar’ imuhaye umutēkāno impande zose.
31
Uko ni ko Yehoshafati yaganje i Buyuda; aho yatangura kwima yar’ amaze imyaka mirongwitatu n’itanu; araheza amara ku ngoma imyaka mirongwibiri n’itanu i Yerusalemu. Nyina yitwa Azuba umukobga wa Shiluhi.
32
Kandi yagendera mu ngeso za se Asa; ntiyatirimuka ngw azivemwo, ariko yagenda akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza.
33
Mugabo ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi vyo ntivyākūrwaho; kand’ abantu ntibāribgahereze imitima ku Mana ya ba sekuruza.
34
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Yehoshafati, uhereye ku ca mbere ugashitsa ku c’ imperēra, vyanditswe mu vyo Yehu mwene Hanani yadonze, vyashizwe mu gitabo c’abami b’ Abayuda.
35
Hanyuma y’ivyo Yehoshafati umwami w’i Buyuda yifatanya na Ahaziya umwami w’Abisirayeli; Ahaziya uwo yar’ umunyangeso mbi cane.
36
Nukw afatanya na we kubāzisha amāto yo kuja i Tarushishi; babāzira ayo māto i Eziyoni‐geberi.
37
Maze Eliyezeri mwene Dodavahu w’i Maresha abarira Yehoshafati avugishijwe n’Imana, ati Ko wifatanije na Ahaziya, Uhoraho akwiciye ivyo wabājishije. Nukw ayo māto aramenagurika, ntiyaba akija i Tarushishi.
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 21 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36