bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 26
2 Chronicles 26
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 25
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 27 →
1
Nukw abantu bose b’Abayuda bahitana Uziya baramwimika, bamusubiza ku ngoma ya se Amaziya; Uziya yar’ amaze imyaka cumi n’itandatu.
2
Ni we yasanasannye i Eloti, ahagarura i Buyuda, umwami Amaziya amaze guhamvya ba sekuruza.
3
Nuko Uziya yar’ amaze imyaka cumi n’itandatu igihe yaja ku ngoma, araheza ayimarakw imyaka mirongwitanu n’ibiri i Yerusalemu. Nyina yitwa Yekiliya w’i Yerusalemu nyene.
4
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, nk’ivyo se Amaziya yakora vyose.
5
Ashira umutima ku kurondera Imana mu gihe cose ca Zekariya, umuntu yamwigishije kwubaha Imana; kand’ uko yakomeje kurondera Uhoraho, Imana yamuhaye umugisha.
6
Bukeye aragenda atera Abafilisitiya, asangangura uruzitiro rw’i Gati n’urw’ i Yabune n’urw’ i Ashidodi; yubaka ibisagara mu ntāra y’i Ashidodi n’ahandi mu gihugu c’Abafilisitiya nyene.
7
Nukw Imana iramufasha, arwanya n’abo Bafilisitiya bo n’Abarabo bāba i Guribayali, bo n’ab’i Mayoni.
8
Kand’ Abamoni bazanira Uziya ingorore; nukw izina ryiwe rirāmāmara, rishika n’ahafata muri Egiputa; kuko yagiye arushiriza kugira ububasha.
9
Kandi Uziya yubaka iminara i Yerusalemu kw irembo ryo ku mfuruka y’uruzitiro rwaho rw’ amabuye, no kw irembo rija ku mwonga, no ku yindi mfuruka y’ uruzitiro nyene; iyo minara arayigumya.
10
Kandi yubaka iminara no mu bugaragwa, yimbisha n’ivyobo vyinshi vyo kubīka amazi, kuko yar’ afise amasho menshi mu gihugu gishashe no mu biyaya; yar’ afise n’abarimyi n’abazi gutunganya imizabibu mu misozi no mu matongo amera cane, kuko yar’ umurimyi.
11
Kandi Uziya yar’ afise ingabo z’abarwanyi, bāja kurwana bīcīye ibitero, nk’ukw ibitigiri vyabo vyashinzwe, uko bāharūwe na Yeyeli umukarani na Mayaseya umwanditsi, bāgabga na Hananiya, umwe mu bagabisha b’umwami.
12
Igitigiri cose c’abakuru b’ amazu ya ba sekuruza, abantu b’ abahizi, bar’ ibihumbi bibiri n’ amajana atandatu.
13
Kand’ abo bāgaba ingabo zigishijwe kurwana, ibihumbi amajana atatu n’ ibihumbi ndwi n’amajana atanu, bārwanana ubuhizi bginshi, barwanira umwami ngo ntāneshwe n’abansi.
14
Uziya aronderera izo ngabo zose inkinzo n’amacumu, n’inkofero z’ivyuma, n’amakoti y’ivyuma, n’imiheto, n’amabuye atereshwa umugozi.
15
Kand’ i Yerusalemu ahakoreshereza ibintu vy’intambara vyigenewe n’ abahinga, bifise imishibuka irasa imyampi ikavundereza amabuye manini‐manini, vyo gushirwa ku minara no hejuru ku mfuruka z’ uruzitiro. Izina ryiwe riba rurangiranwa, rirāmāmara, kuko yafashijwe bitangaje, gushitsa aho yabereye agahambaye.
16
Arikw amaze kuba agahambaye, yishira hejuru mu mutima wiwe, bituma akora ivyo kugabitanya, acumura k’Uhoraho Imana yiwe; kuko yinjiye mu rusengero rw’Uhoraho ngo yosereze imibavu ku gicaniro ihora yoserezwako.
17
Maze Azariya umuherezi aca arinjira amukurikiye, ari kumwe n’abandi baherezi b’Uhoraho mirongumunani, abantu b’abahizi;
18
babuza umwami Uziya, baramubarira, bat’ Ewe Uziya, s’igikorwa cawe kwosereza Uhoraho imibavu, n’ic’ abaherezi bo mu ba Aroni bārobanuriwe kwama bayosa. Enda va aha hantu hēra, kuk’ ucumuye, kand’ ivyo nta cubahiro bizoguhesha kivuye k’ Uhoraho Imana.
19
Maze Uziya aca araraka; kandi yar’ afise icotero mu ntoke, agira ngo yose imibavu. Akirakiye abo baherezi, imibembe isēsa mu ruhanga rwiwe, akir’ aho nyene imbere y’ abaherezi mu ngoro y’Uhoraho, i ruhande y’igicaniro coserezwakw imibavu.
20
Maze Azariya umuherezi mukuru n’abandi baherezi bose bagize ngo baramurāba, babona imibembe ishēshe mu ruhanga rwiwe; bakwakwanya kumusunika ngw ahave, na we nyene ubgiwe yihuta gusohoka, kuk’ Uhoraho amuteje indwara.
21
Nuk’ umwami Uziya arinda atanga akir’ umunyamibembe, aba mu nzu ya wenyene kubg’ imibembe yiwe, kukw atemerewe kuza mu ngoro y’Uhoraho; maze Yotamu umwana wiwe ni we yagaba ivyo mu rugo i bgami, agacira abantu bo mu gihugu imanza.
22
Nukw ibindi vyose vyadonzwe kuri Uziya, uhereye ku ca mbere ugashitsa ku c’imperēra, vyanditswe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya mwene Amosi.
23
Nuko Uziya ahamvya ba sekuruza, bamuhamba hamwe na bo; mugabo bamushira ukwiwe mw itongo rihambgamw’ abami, kuko bāvuga kw ar’ umunyamibembe. Maz’ uwo muhungu wiwe Yotamu asubira ku ngoma yiwe.
← Chapter 25
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 27 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36