bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 36
2 Chronicles 36
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 35
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
1
Maz’ abantu bo mur’ ico gihugu bahitana Yehowahazi umuhungu wa Yosiya, bamwimika mu gishingo ca se i Yerusalemu.
2
Yehowahazi yagiye ku ngoma amaze imyaka mirongwibiri n’itatu; ayimarakw amezi atatu ar’ i Yerusalemu.
3
Bukeye umwami wa Egiputa amukūra ku ngoma i Yerusalemu; igihugu ciwe agicira iciru c’italanto ijana z’ifeza n’italanto imwe y’izahabu.
4
Uwo mwami wa Egiputa yimika Eliyakimu mukuru we, amugira umwami w’i Buyuda n’i Yerusalemu, ahindura izina ryiwe, amwita Yehoyakimu. Neko araheza afata Yehowahazi, amujana muri Egiputa.
5
Kandi Yehoyakimu yagiye ku ngoma amaze imyaka mirongwibiri n’itanu; ayimarakw imyaka cumi n’umwe ar’i Yerusalemu; akora ivyo Uhoraho Imana yiwe abona kw ari bibi.
6
Hanyuma Nebukadineza umwami w’i Babuloni araza aramutera, amuta mu minyororo, amujana i Babuloni.
7
Nebukadineza atakw ajana n’ ibintu vyo mu ngoro y’Uhoraho i Babuloni, abishira mu rusengero rwiwe i Babuloni nyene.
8
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Yehoyakimu, n’ivy’ ibizira vy’ubuyobe yakoze, n’ibindi bibi vyose yagenda abonekako, vyanditswe mu gitabo c’abami b’Abisirayeli n’ab’ Abayuda. Maz’ umuhungu wiwe Yehoyakina asubira ku ngoma yiwe.
9
Yehoyakina yagiye ku ngoma amaze imyaka cumi n’umunani; ayimarakw amezi atatu n’imisi cumi i Yerusalemu; na we akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.
10
Ku gacikamvura umwami Nebukadineza aratuma ngo bamuzane i Babuloni, bo n’ibintu vyiza‐vyiza vyo mu ngoro y’Uhoraho; yimika mukuru we Zedekiya ngw abe umwami w’i Buyuda n’i Yerusalemu.
11
Zedekiya yagiye ku ngoma amaze imyaka mirongwibiri n’ umwe; ayimarakw imyaka cumi n’umwe i Yerusalemu;
12
na we akora ivyo Uhoraho Imana yiwe abona kw ari bibi; ntiyicisha bugufi imbere y’uwavugishwa n’ Imana Yeremiya, iy’ amubariye ibiva mu kanwa k’Uhoraho.
13
Na we agarariza umwami Nebukadineza, kandi yari yaramurahije Imana; nukw agamika izosi, yikomantaza umutima, ntiyahindukirira Uhoraho Imana y’Abisirayeli.
14
Mbere n’abaherezi bakuru‐bakuru bose bo n’abantu bāgize ivy’ ubuhemu bginshi, bakaja mu vy’ibizira vyose vy’ubuyobe vy’abanyamahanga, bakanduza ingoro y’Uhoraho, iyo Uhoraho ubgiwe yari yarejeje i Yerusalemu.
15
Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, akabatumakw intumwa ziwe, akāma azindurwa uko bukeye no kubatuma, kuko yatewe akagongwe n’abantu biwe bo n’ aho hantu yaba.
16
Ariko bagashinyagurira izo ntumwa z’Imana, bagakēngēra amajambo yayo, bagatwenga abo yavugisha, gushitsa ah’uburake bg’Uhoraho bgabaye ku bantu biwe, butagishobora kugarurwa.
17
Nci co catumye abatēza umwami w’Abakaludaya, akicisha imisore yabo inkota, akabatsinda mu rusengero rwabo, ntagirire akagongwe umusore cank’ umwigeme, umutāma cank’ umusāza bukokori; bose akabagabura mu maboko yiwe.
18
Kand’ ibintu vyose vyo mu ngoro y’Imana, ibito‐bito n’ibinini‐binini, bo n’ivy’ ubutunzi vyo mur’ iyo ngoro nyene y’Uhoraho, n’ivy’ ubutunzi vy’umwami n’ivy’ abaganwa biwe, ivyo vyose abijana i Babuloni.
19
Maze baturira n’ ingoro y’Imana, basangangura n’ uruzitiro rw’amabuye rw’i Yerusalemu, baturira n’ingoro zaho zose, bīca n’ivyiza‐vyiza vyaho vyose.
20
Abācitse bagakira inkota, uwo mwami abajana i Babuloni, abagira abaja biwe n’ab’ abahungu biwe, gushitsa igihe Abaperesi bashikiriye ingoma,
21
kwar’ ukugira ngw ijambo Uhoraho yavugiye mu kanwa ka Yeremiya rishike, igihugu gishumbushwe amasabato yaco; igihe cose camaze kikir’ amatongo, cariko kiziririza amasabato yaco, gushitsa kimaze imyaka mirongwirindwi.
22
Hanyuma mu mwaka wa mbere Kuro umwami w’i Buperesi agiye ku ngoma, Uhoraho akangura umutima wiwe kugira ngw ijambo yavugiye mu kanwa ka Yeremiya ribone gushika. Nuko Kuro uwo mwami w’i Buperesi ashinga ko babitangaza mu gihugu ciwe cose, aranavyandika,
23
ngo Kuro, umwami w’i Buperesi aravuze, at’ Uhoraho Imana Nyen’ ijuru yangabiye ibihugu vyose vyo mw isi. Kandi yangeze ngo ndamwubakire ingoro i Yerusalemu mu Buyuda. Non’ umuntu wese muri mwebge wo mu bantu biwe bose, Uhoraho Imana yiwe n’ibane na we, adūge ajeyo.
← Chapter 35
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36