bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 17
2 Chronicles 17
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 18 →
1
Maz’ umuhungu wiwe Yehoshafati asubira ku ngoma yiwe; araheza yīgira agahambaye, arindana n’Abisirayeli.
2
Ashira ingabo mu bisagara vyose vy’i Buyuda bizitiriwe inzitiro z’amabuye, akwiragiza amaboma mu gihugu c’i Buyuda no mu bisagara vy’i Bgefurayimu, ivyo se Asa yihesheje umuheto.
3
Uhoraho abana na Yehoshafati, kuko yagendera mu ngeso sekuruza Dawidi yagendeyemwo uhereye ubga mbere, ntaje gusiguza za Bayali,
4
arikw agasiguza Imana ya sekuruza, akagendera mu vyagezwe vyayo, ntāgendere mu ngeso z’ Abisirayeli.
5
Ni co catumye Uhoraho akomeza ingoma yiwe; Abayuda bose bamuzanira imishikīro; agira ubutunzi bginshi n’icubahiro gihambaye.
6
Umutima wiwe ugenda ushira ubgoba mu nzira z’Uhoraho, akūra mu Buyuda ibitabo vyatabge mu mpinga z’imisozi n’inkingi zashingiwe Ashera.
7
Maze mu mwaka ugira gatatu ari ku ngoma arungika abaganwa biwe Beni‐hayili na Obadiya na Zekariya na Netaneli na Mikaya kuja kwigisha mu bisagara vy’i Buyuda;
8
kandi hamwe na bo arungika n’Abalewi, Shemaya na Netaniya na Zebadiya, na Asaheli na Shemiramoti na Yehonatani, na Adoniya na Tobiya na Tobadoniya; kandi hamwe n’abo Balewi arungika n’abaherezi Elishama na Yehoramu.
9
Abo baragenda bigisha i Buyuda, bafise igitabo c’ivyagezwe vy’Uhoraho; bagendagenda mu bisagara vyose vy’i Buyuda bigisha abantu.
10
Maz’ ubgoba buvuye k’Uhoraho bufata abami bo mu bihugu vyose bikikije i Buyuda, ntibāruha bubahuka gutera Yehoshafati.
11
Mbere bamwe bo mu Bafilisitiya bamuzanira ingorore, n’amafeza kw amarari; n’Abarabo na bo bamuzanira imikuku y’ingorore, amapfizi y’intama ibihumbi ndwi n’amajana ndwi, n’amapfizi y’ impene ibihumbi ndwi n’amajana ndwi nyene.
12
Nuko Yehoshafati agenda arushiriza kuba agahambaye; yubaka i Buyuda amaboma n’ibisagara vy’ibigega;
13
yar’ afise vyinshi yabītse mu bisagara vy’i Buyuda, kand’ i Yerusalemu yar’ ahafise ingabo z’abantu b’abahizi.
14
Iki ni co gitigiri cabo, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari: mu bāgaba ibihumbi mu Bayuda, uwa mbere yari Aduna, yagaba abantu b’abahizi ibihumbi amajana atatu;
15
uwamukurikira ni Yehohanani, na we yagaba ibihumbi amajana abiri na mirongumunani,
16
uwakurikira uwo ni Amasiya mwene Zikuri, umuntu yitanze, yiyeguriye Uhoraho; uwo yagaba abahizi ibihumbi amajana abiri.
17
Mu Babenyamini uwa mbere ni Eliyada, umuntu w’umuhizi; yagaba ibihumbi amajana abiri nyene, abantu bitwaje imiheto n’inkinzo;
18
uwamukurikira ni Yehozabadi, na we yagaba ibihumbi ijana na mirongumunani, bitwaje ibirwanishwa.
19
Abo ni bo bāsasa ku mwami, ukūye abo umwami yashize mu bisagara bizitiriwe inzitiro hose mu Buyuda.
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 18 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36