bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Chronicles 22
2 Chronicles 22
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 23 →
1
Maz’ ababa i Yerusalemu bimika Ahaziya umuhererezi wiwe ngw asubire ku ngoma yiwe, kuko ca gitero cari kizananye n’ Abarabo mu rugamba cari cishe bakuru biwe bose. Nuko Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’ Abayuda aba ari we yima.
2
Ahaziya aho yatangura kwima, yar’ amaze imyaka mirongwine n’ ibiri; araheza amara umwaka umwe i Yerusalemu ari ku ngoma. Nyina yitwa Ataliya, umwuzukuru wa Omuri.
3
Na we yagendera mu ngeso z’ab’ inzu ya Ahabu, kuko nyina yamugīra inama zo gukora ivyaha.
4
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, nk’ ukw ab’ inzu ya Ahabu nyene bāgenda bakora, kukw ari bo basigaye ar’ abajanama biwe se amaze gutanga, bakamukwegera mu rupfu.
5
Nuko yemera inama zabo, atabara Yoramu mwene Ahabu umwami w’Abisirayeli, baja gutera Hazayeli umwami w’i Siriya i Ramoti‐gileyadi; maz’ Abasiriya bakomeretsa Yoramu.
6
Nukw aratabaruka, aja i Yezireli kugira ngw arwarirey’ izo nguma bāmukomerekereje i Rama, igihe yarwanya Hazayeli umwami w’i Siriya. Bukeye Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’i Buyuda, amanuka i Yezireli kurāba Yoramu mwene Ahabu ukw ameze, kuko yar’ arwaye.
7
Kandi Ahaziya kuja kurāba Yoramu vyari bivuye ku Mana, kugira ngw agweyo; kukw ashitseyo yajanye na Yoramu kuja guhūra na Yehu mwene Nimushi, uwo Uhoraho yari yimikishije amavuta, kugira ngw ahenebereze inzu ya Ahabu.
8
Maz’ igihe Yehu yarikw arashitsa itēka ryāciriwe inzu ya Ahabu, asanga abaganwa b’i Buyuda bājeho, n’abahungwabo ba Ahaziya bāmugendako, arabica.
9
Maz’ arondera Ahaziya, bamufatira aho yari yinyegeje i Samariya, bamushīra Yehu, baramwica; baraheza baramuhamba, kuko bāvuga, bati N’ umwuzukuru wa Yehoshafati yarondeza Uhoraho umutima wiwe wose. Maze mu nzu ya Ahaziya ntihāsigaramwo ūshoboye kuganza.
10
Maze Ataliya nyina wa Ahaziya abonye k’umwana wiwe Ahaziya apfuye, arahaguruka ageseza abo mu nda y’ingoma y’i Buyuda bose.
11
Ariko Yehoshabeyati umukobga w’umwami afata Yowasi mwene Ahaziya, amukūra mu bana b’umwami bariko baricwa, amushira mu cumba kibīkwamw’ amariri, hamwe n’umurezi wiwe. Uko ni ko Yehoshabeyati, umukobga w’umwami Yehoramu, muka Yehoyada umuherezi, mushiki wa Ahaziya, yamunyegeje Ataliya, kugira ngo ntamwice.
12
Maz’ amarana na bo imyaka itandatu, anyegejwe mu ngoro y’ Imana; Ataliya na we aba ari we aganza igihugu.
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 23 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36